Uko wahagera

OMS Ivuga ko Abantu Batatu Banduye Ebola muri Kongo


Muri Republika ya demokrasi ya Kongo, abantu batatu batowemwo umugera w’ikiza ca Ebola. Abategetsi bo mu gisata c’ishirahamwe mpuzamakungu citaho amagara y’abantu batangaje ko umugera mushasha w’iyo ngwara y’icaduka ufitaniye isano n’umugera wihaye inkumbi hagati yo mu mwaka w’2018 n’2020. Ico gihe wahitanye ubuzima bw’abantu barenga 2200 unandukira n’abandi barenga 1000.

Abategetsi bajejwe amagara y’abantu bavuga ko uyo mugera wabonetse ku musi wa gatandatu mu karere ka Butsili, hafi y’igisagara ca Beni, cari kigwiriyemwo iyo ngwara mu myaka iheze. Batatu mu bantu batowemwo uyo mugera barahasize ubuzima.

Incanco zaragize akamaro mu gutuza uyo mugera vuba na vuba aho uherutse kwaduka. Mu ndwi iheze, abaforoma baratanguye igikorwa co gutanga incanco zo kwikingira ico kiza bakoresheje izakozwe n’ihinguriro ryitwa Merck ryo mu gihugu c’Ubwongereza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG