Uko wahagera

Abantu Bane Barapfuye mu Gitero ca Grenade I Nairobi muri Kenya


Abakomerekejwe n'Igitero ca Grenade i Nairobi muri Kenya
Abakomerekejwe n'Igitero ca Grenade i Nairobi muri Kenya

Icegera c’umuvugizi w’igipolisi Charles Owino yasubiyemwo ivyabona bavuga kw’ama grenade yatewe n’abantu bari mu modoka yariko irengana.

Igitero ca grenade ku murwa mukuru w’igihugu ca Kenya, Nairobi, cahitanye abantu bane canke barenga, abandi bagera kuri mirongo ine barakomereka.

Abategetsi batangaje ejo ku musi wa gatandatu ko ama grenade yatewe mu kibanza aho ama bus akongera akarangiriza urugendo rwayo.

Icegera c’umuvugizi w’igipolisi Charles Owino yasubiyemwo ivyabona bavuga kw’ama grenade avugwa ko yatewe n’abantu bari mu modoka yariko irengana.

Ico gitero ca grenade n’igitero ca nyuma mu bitero vy’ama grenade vyabereye ku murwa mukuru w’igihugu ca Kenya, Nairobi, kuva igihugu ca Kenya kirungitze inteko muri Somalia mu kwezi kw’icumi mu mwaka uheze kugwanya umugwi al-Shabab ukorana n’umugwi al-Qaida.

Gatoyi inyuma y’ico gitero ca grenade igipolisi carafashe umuntu yavuze kw’iri umunywanyi w’umugwi al-Shabab.

XS
SM
MD
LG