Uko wahagera

Abantu Bane Bapfiriye mw'Isanganya ry'Ubwato mu Butaliyano


Mu Butaliyano abantu bashika kuri bane bitavye Imana mw’isanganya ry’ubwato.

Umuntu umwe gushika ubu, ntaratorwa, inyuma y’aho iryo sanganya ryahitanye abo bantu, ribereye.

Ibiro vy’igihugu bijejwe kuzimya imiriro no gutabara vyatangaje ko abantu bashika kuri 20 bashoboye kwoga, bagashika ku nkengera y’ico kiyaga, mu gihe abandi batabawe n’abantu bari mu bundi bwato. Batanu muri bo baciye banyarukanwa kwa muganga, kuvurwa.

Ubwo bwato bw’ingenzi bureha na metro 16, bwibiriye mu kiyaga Maggiore mu buraruko bw’Ubutaliyano mw’ijoro ryaraye rikeye.

Abajejwe gutabara imbabare harimwo n’abakoresha kajugujugu barabandanya kurondera uwo muntu ataratorwa gushika ubu.

Abategetsi batangaje ko abajejwe gutabara bashitse batevye bivuye ku mvura y’isegenya yariko iragwa kandi n’ikirere kitabona neza.

Ibinyamakuru vyo mu Butaliyano vyatangaje ko ubwo bwato bwari butwaye abantu 25 harimwo ingenzi n’abadereva bwabwo. Abari muri bwo bariko bahimbaza imyaka y’amavuko y’umwe muri bo, igihe igihuhusi n’imvura y’isegenya vyaduka bigatuma ubwo bwato bwibira. Izo ngezi zisanze muri ico kiyaga Maggiore gikanye cane.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG