Uko wahagera

Abantu 42 Baguye mw’Isanganya ry’Ubwato muri Djibouti.


Ishirahamwe mpuzamakungu rijewe abimukira kw’isi (OIM) ni ryo ryatangaje igitigiri c’abamaze kumenyekana ko baguye mw’isanganya ry’ubwato, mu nzuzi ziri hafi y’ico gihugu kiri mu buseruko bwa Afrika. Umuvugizi waryo Yvonne Ndege atangaza ko mu bitavye Imana harimwo abana 16, kandi ko abandi 14 bashoboye kurokoka.

Uwo muvugizi Ndege amenyesha kandi ko abagizi ba nabi bakora igikogwa co kunyuruza no kudandaza abantu babacisha muri izo nzuzi, batarafatwa.

Umuvigizi w’ishirahamwe OIM muri Yemeni we avuga ko abo bantu bari muri ubwo bwato, bari bavuye Yemeni aho intambara imaze igihe isinzikaza ico gihugu gikenye cane mu bihugu vy’abarabu.

Abantu batari bake mu bihugu nka Etiopiya, Somaliya na Yemeni bafata izo ngendo zibangamiye umutekano wabo, barondera ubuzima bwiza mu bihugu vy’abarabu bitunze. Gusa, ibibazo vy’amagara bitandukanye harimwo n’ikiza ca Corona biratuma basubira iyo bavuye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG