Uko wahagera

Abarundi 246 Bavuye Kongo Bacumbikiwe mu Ntara ya Bubanza


Imiryango 46 igizwe n’abantu 246 bavuye mw’ikambi y’impunzi ya Lusenda muri Repuburika iharanira Demokarasi ya Congo bakiriwe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu ari kumwe n’abaserukira ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe impunzi kw’isi, HCR.

Bashikiye mu kibanza c’imfatakibanza ca Gihanga co kwakira abahungutse cari kiramutse cugururwa icese. Abo bahungutse batekerewe impanuro n’abo bategetsi.

Abahungutse bose bariruhutsa kubona bashoboye gushika mu gihugu c’amavukiro impore. Bamenyesheje Radiyo Ijwi ry’Amerika ko uwu musi batazowibagira.

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Gervais Ndirakobuca mw’ijambo ry’ikaze yahaye abo bahungutse yabasavye ko boca basubira vuba ku kazi batibagiye no kubungabunga umutekano, wo soko ry’iterambere.

N’umupfasoni Brigitte Bukanga icegera c’uwuhagarariye ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe impunzi HCR mu Burundi yunganiye umushikiranganji mu gusaba abo bahungutse kutarera amaboko kuko batazobandanya bafashwa. Ico yabemereye nuko bazobafata mu mugongo mu migambi yabo.

Muri ico kigo c’imfatakibanza ca Gihanga abo bahungutse bazohamara imisi itatu itarenga imbere yuko basubira iyo baje baturuka imbere yo guhunga.

Nestor Hamenyimana, umuyobozi mukuru mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu amenyesha ko kuva mu mwaka 2017, Abarundi bamaze guhunguka barenga gato 120,000.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG