Uko wahagera

Kongo: Abantu 21 Barishwe mu Burasirazuba


Abantu bashika 21 barapfuye muri Repubulika iharanira demokarasi ya Kongo mundwi zirangiye mu ruhagarara hagati y’amoko mur’ico gihugu.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryamenyesheje ejo kuwa mbere ko rihagaritswe umutima n’ama raporo atangwa kuri Kongo agaragaza ubwicanyi hagati y’amoko.

Umuvugizi wa ONU Amouzoun Codjo Martin yamenyesheje ko ubwo bwicanyi bwakozwe n’imihari ibiri yitwaje ibirwanisho ikorera mur’ico gihugu.

Amenyesha ko baronse amaraporo avuga ko mu misi iheze har’abantu bahunze kubwinshi, ubusuma bwakozwe, ukunyuruza abantu n’abagore bafatwa kunguvu.

Indyane z’amoko, abanyamahanga bigaruriye uduce tumwe tumwe tw’igihugu hamwe n’abahiganirwa ubutaka burimwo ubutare vyatumye hama hari ugutana mu mitwe hagati y’imihari yitwaje ibigwanisho mu buseruko bwa Kongo, intambara zimaze inyaka irenga 20

XS
SM
MD
LG