Uko wahagera

Abanduye Virusi ya Corona mu Mpera z'Umwaka Bazokwiyongera


Umuntu aretse abantu 50000 bashobora guhitanwa n’ikiza ca Corona, abandi bagera ku miliyoni 3 bashobora kwandura uwo mugera mu mpera z’uyu mwaka. Ivyo kubera igihe c’ubukanye gituma abantu benshi bandura uwo mugera.

Igihugu ca Afrika y’epfo gisanzwe gifise ibitigiri biri hejuru cane vy’abanduye hamwe n’abahitanywe n’uwo mugera ku mugabane wa Afrika. Abanduye ni 18.000, naho abo umaze guhitana ni 339.

Abahinga mu bijanye n’amagara y’abantu barafise impungenge zikomeye ko kubera abantu bashimikiye cane ku kiza c’umugera wa Corona, ivyo bishobora kugeramira urugamba rwo kurwanya ibindi biza nka sida n’igituntu.

Umushikiranganji ajejwe amagara y’abantu muri Afrika y’epfo, Zweli Mkhize, avuga ko ingingo y’ukuziririza abanyagihugu kuva mu ngo zabo vyagabanije ibitigiri vy’abandura umugera wa Corona ibice 60 kw’ijana. Asigura ko ibitigiri vy’abandura uwo mugera vyavuye ku bice 60 kw’ijana bimanuka ku bice 30.

Ku bwiwe, ingingo zafashwe mu ntumbero y’ukwirinda ikwiragira ry’umugera wa Corona zagize akamaro gakomeye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG