Uko wahagera

Abanduye Virusi ya Corona Biyongereye muri Zimbabwe


Igihugu ca Zimbabwe cigijeyo ugusubira kwugurura amashule yari ategekanijwe gusubira kwugururwa mu mpera z’uku kwezi. Ingingo y’ukwigizayo iyugururwa ryayo yafashwe kubera ibitigiri vy’abandura umugera wa Corona mu gihugu bitera vyiyongera.

Reta ya Prezida Emmerson Mnangagwa yatangaje ko izogenda irugurura amashule buhoro buhoro naho amashirahamwe y’abarimu yabirwanije. Ayo mashirahamwe avuga ko iyo ngingo yogeramira abanyeshule n’abarimu kubera ata migambi ihagije yategekanijwe ku vyerekeye kubakingira ikiza c’umugera wa Corona.

Atanga akarorero k'ikena ry'udufukamunwa n'izindi ngingo z’ukwikingira zijanye n’isuku vyategekanijwe. Amenyesha kandi ko kutegerana ari ibintu bisa n’ibidashoboka mu mashule atari make aba arimwo abanyeshule bagera kuri 70.

Menshi mu mashule mu gihugu ntagira amazi. Ivyo bikaba bituma kwubahiriza ibijanye n’isuku nk’ugukaraba iminwe bitorohera abanyeshule n’abarimu. Ibiharuro vyemejwe gushika uno musi ku wa gatatu vy’abantu bafise umugera wa Corona muri Zimbabwe ni 1064. Abantu 20 baramaze gupfa gushika ubu bavuye kuri 7 mu mpera z’ukwezi kwa gatandatu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG