Muri Afrika y’Epfo abantu bamaze kwandura umugera wa corona bararenga ibihumbi 500, yamara prezida w’ico gihugu afise akizero.
Prezida Cyril Ramphoza ejo ku musi wa mungu yavuze ko abona ibimenyetso vyerekana ko ico kiza kitabandanya kwiyongera nka mbere. Ramaphoza yavuze kandi ko abajejwe amagara y’abantu bariko baratuza ico kiza.
Umushikiranganji ajejwe amagara y’abantu, Zwelini Mkhize, yaratangaje ku musi wa gatandatu mw’ijoro ko abantu ibihumbi 10 n’ijana n’indwi, banduye umugera wa corona muri iki gihe, abamaze gufatwa n’ico kiza barimwo abantu 8.153 cahitanye, bamaze gushika ku 503.290.
Afrika y’Epfo ifise abantu barenga ibice 50% vy’abanyagihugu bose bo mu bihugu vya Afrika 54 banduye umugera wa corona.
Mw’ikete yashize ahabona ejo ku musi wa mungu, Ramaphoza yavuze ko naho igitigiri c’abamaze gufatwa n’ico kiza kiri hejuru, ico kiza kiriko kiragabanuka mu gihugu cose.
Facebook Forum