Uko wahagera

Abanduye Covid-19 kw'Isi Yose Bageze ku Miriyoni 224 n’ibihumbi 300.


Umwe mu ndembe za Covid-19 ariko yitabwaho n'abaganga muri Amerika
Umwe mu ndembe za Covid-19 ariko yitabwaho n'abaganga muri Amerika

Kaminuza ya Johns Hopkins itanga amakuru y’ikiza ca Virusi ya Corona ku mwanya ku mwanya ivuga ko abanduye ico kiza kw’isi yose bageze ku miriyoni 224 n’ibihumbi 300. Abo kimaze guhitana kw’isi yose ku bw’iyo kaminuza ifise icicaro aha muri Amerika ni imiriyoni 4 n’ibihumbi 600.

Iyo kaminuza mu makuru yayo mashasha yerekanye ko abamaze gucandarwa ubwandu bw’iyo virusi ari imiriyari 5 n’ibihumbi 700. Tukivuga ku vy’urucanco, Ubwongereza muri ino ndwi buca dutangura butegekanya gutangaza umugambi wabwo wo gucandaga abana bari hagati y’imyaka 12 na 15.

Ku mugabane wa Aziya, Reta y’ubuyapani yavuze ko ibice 50% vy’abanyagihugu bayo bamaze gucandagwa. Ico gihugu gitegekanya kuzosozera uku kwezi kw’icenda kimaze gucandaga ibice 60% vy’abanyagihugu baco.

Ubuhindi buracavugwamwo ubwandu bwinshi: uno musi abana 245 bo muri Reta ya Mizoram iri mu buraruko bw’ico gihugu ni bo bamenyekanye ko banduye. Mu gihugu cose, abamaze kwandura ni imiriyoni 33 n’ibihumbi 200. Abo ico kiza cahitanye barenga ibihumbi 442.

Ubuhindi buza ubwa kabiri mu bihugu bivugwamwo ubwandu bwinshi. Ku murongo wa mbere haracari Amerika ivugwamwo abagera ku miriyoni 41 bamaze kwandura n’abababa ibihumbi 660 bamaze guhitanwa n’iyo virusi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG