Abantu bafashwe n'indwara y'akaranda bariko bariyongera muri Republika ya demokrasi ya Kongo. Ni mu gihe ico gihugu gihanganye n’ibiza vy’umugera wa Corona na Ebola.
Kuva mu kwezi kwa gatandatu, abantu 65 baramenyekanye ko banduye indwara y’akaranda. Abantu 10 baramaze gupfa mu ntara ya Ituri iri mu buseruko bwa Kongo. Iyo nkuru yatangajwe n’umutegetsi mukuru ajejwe amagara y’abantu muri iyo ntara, Louis Tsolu.
Igitigiri c’abandura iyo ndwara kiriko kiriyongera, kikaba kiza kimaze kurengera igitigiri c’abanduye iyo ndwara mu mwaka w’i 2019. Abantu 48 barayanduye muri uyo mwaka mu gihe yahitanye abantu 8 nkuko bitangazwa n’ishirahamwe rijejwe amagara y’abantu kw’isi OMS.
Bisa nuko ugusubira kwiyadukiza kw’iyo ndwara kwatanguye mu kwezi kwa gatandatu igihe umwana w’umukobwa w’imyaka 12 yapfa inyuma yuko vyibonekeje ko afise ibimenyetso bifitaniye isano n’indwara y’akaranda. Abandi bantu bafise ibimenyetso nk’ivyo barapfuye mu nyuma y'aho.
Muri uyu mwaka ntibiriko birorohera abakozi bajejwe amagara y’abantu gufasha abanyagihugu mu buseruko bwa Kongo kubera umutekano muke uterwa n’imirwi yitwaje ibirwanisho muri ako karere. Kongo ihanganye kandi muri iki gihe n’ibiza vya Covid-19 na Ebola.
Facebook Forum