Uko wahagera

Abana Bagera ku 400,000 Bugarijwe n'Ugufungura Nabi muri Kongo


Bamwe mu Bugarijwe n'Ugufungura Nabi
Bamwe mu Bugarijwe n'Ugufungura Nabi

Ishami ry’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryitaho abana, UNICEF, ryatangaje ko ritewe impungenge n'ikibazo c'abana bagera ku 400,000 bo mu ntara ya Kasai yo hagati muri Kongo bugarijwe n'ikibazo co gufungura nabi.

UNICEF, imenyesha kw’ivyo vyatewe ahanini n’umutekano muke muri ako karere, hadasizwe inyuma igabanuka ry'umwimbu muri ano mezi aheze.

Iryo shirahamwe rimenyesha naho biri uko, ko ata mafranga ahagije y’ugufasha abo bana.

Muri Rusangi, UNICEF yashoboye kwegeranya ibice 15 kw’ijana gusa vy’amafranga akanewe kugira abana basinzikajwe n’ugufungura nabi mu mwaka w’i 2017 bagarukirwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG