Uko wahagera

Abana Baba mu Mabarabara Babandanya Kwiyongera mu Burundi


Abana baba mu mabarabara mu mujyi wa Bujumbura
Abana baba mu mabarabara mu mujyi wa Bujumbura

Abana baganiriye n'Ijwi ry'Amerika bavuga ko bagiye mu mabarabara babuze aho baba kubera ibibazo bagize mu miryango yabo

Intara nka zose n'imiji mikuru mikuru mu Burundi vyibonekezamwo abana bo mw'ibarabara. Abenshi muri bo bagiye gusegerereza kubera ibibazo biri hagati y'abavyeyi babo n'ubukene. Ibigo vyitaho ineza y'ibibondo bimenyesha ko

ikibazo c'abana bo mw'ibarabara kigoye gutorera umuti kuko gifise umuzi no mu bukene buri mu gihugu n'imiryango.

Abenshi mu bana bo mu ibarabara baganiriye n'Ijwi ry'Amerika bemeza ko bagiyeyo kubera ibibazo bagize mu miryango yabo byatumye babura aho baba bakabura n'indi miryango ibakira. Bavuga ko mu mabarabara babayeho ubuzima bubi burimo kubura ibyo bafungura, aho barara no gukoresha ibiyayuramutwe bishobora kugirira nabi ubuzima bwabo.

Musenyeri Jean Marie Harushimana, patiri mukuru ya paruwasi Mwungere Mwiza i Gitega akaba anarongoye ishirahamwe ryunganira abana bari mw’ibarabara n’abafise ingorane zitandukanye IPRED asigura ko imfasahanyo iruta izindi umwana akenera abwirizwa kuyihabwa ari mu muryango.

Musenyeri Harushimana yemeza ko gutorera umuti ikibazo c’abana bo mw’ibarabara bigoye rwose bitewe n’uko ibibazo bibajanyo bitandukanye bikiyongera ku bukene buri mu gihugu.

Muri uyu mwaka wa 2020. Amatohoza yakozwe na OCHA igisata ca ONU kijejwe gutabarana yerekana ko umuliyoni n’ibihumbi amajana indwi vy’Abarundi bakeneye ubufasha kubera babayeho nabi.

Ibice 58% ni abana. Uwo mugwi w’abantu kandi ni nawo ukorwako kurusha n’indyane kuko kuva muri 2017 hatanguye guhunguka impunzi z’Abarundi ziri muri Tanzaniya n’u Rwanda ahamaze gutahuka abana barenga ibihumbi 35 nayo mu makambi yo mu gihugu hagati hakabarizw abaharurwa muri 78.000 nk’uko igisata citaho abana kw’isi UNICEF kibivuga.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG