Uko wahagera

Abamaze Kwandura Virusi ya Corona muri Afurika y'Epfo Barenze 400


Umwe mu bunguruza abantu yambaye agafukamunwa kamukingira Corona.
Umwe mu bunguruza abantu yambaye agafukamunwa kamukingira Corona.

Abanduye umugera wa Corona muri Afurika y'Epfo bamaze kurenga amajana ane. Ejo ku wa Mungu bari barenga gato ijana na mirongo ibiri.

Uwo muvuduko w'ibitigiri mu mwanya muto wateye impungenge abahinga bemeza ko Afurika y'Epfo ubu iri imbere mu bihugu bivugwamwo ubwandu bwinshi ku mugabane w'Afurika.

Umukuru w'igihugu Cyril Ramaphosa yiteguriye gushikiriza ijambo abanyagihugu kuri iki kibazo, benshi bakaba biteze ko agiye gufata ingingo zidasanzwe zigamije kugabanya umuvuduko w'abandura iyo ngwara.

Ibitigiri vyashizwe ahabona n'ubushikiranganji bujejwe amagara y'abantu vyerekana ko igice c'abagwayi kirenga, bari mu ntara ya Gauteng mu gisagara ca Johannesburg, kirimwo abantu imiriyoni zitanu n'ibice indwi, hamwe na Pretoria iharurwamwo abantu imiriyoni zibiri n'ibice bine.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG