Ku musi wa kane, niho abakuru b’ibihugu vyo muri Afrika hamwe n’abandi bategetsi baserukira ibihugu vyabo, batangura inama izomara imisi ibiri ibera mu gisagara ca Malabo muri Guinee Equatoriale: Ku musi wa mbere w’iyo nama, ibibazo vyerekeye urwaruka hamwe n’imigambi yo kuruteza imbere, nivyo vyashikirijwe:
Umushikiranganji w’Uburundi ajejwe urwaruka n’inkino, Jean Jacques Nyenimigabo yari mur’iyo nama, yarahaye ikiganiro Frederic Nkundikije, araheza aramubwira ivyapfunditswe, ku musi wayo wa mbere, ku musi wa kane