Uko wahagera

Kongo: Abakozi 2 Bakorera Ishirahamwe ry'Abafaransa Barishwe


Ingabo za Kongo mu bikorwa vyo gutuza Mai Mai
Ingabo za Kongo mu bikorwa vyo gutuza Mai Mai

Abategetsi bo muri Republika iharanira Demokarasi ya Kongo batangaje ko abakozi 2 b’ishirahamwe ry’Abafaransa ryitaho imbabare bishwe n’abantu bitwaje ibigwanisho mu gisagara kiri mu buseruko bw’igihugu. Uwundi mukozi agira gatatu yagizwe imbohe.

Iryo shirahamwe ryitwa Hydraulique Sans Frontières​ ku musi wa mbere, ryaratangaje ko abo bakozi bose ari Abanyekongo.

Ico gitero cabereye mu gisagara citwa Mushikiri mu ntara ya Kivu ya ruguru. N'aho ata murwi waciye utangaza ko ari wo wakoze ico gitero, umurwi w’aba Mai Mai, wama wakoze ibitero mur’iyo ntara.

Iryo shirahamwe rivuga ko ritewe amakenga n’umutekano muke urangwa mu ntara ya Kivu ya ruguru. Rivuga kandi ko uyo mutekano muke utaryorohereza mu bikorwa byaryo vyo gufasha abanyagihugu ibihumbi n’ibihumbi bo muri iyo ntara.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG