Mu gihugu ca Kenya, ingingo yo kugariza akazi yafashwe n’abakozi bakora ku kibanza c’indege gikuru, yabandanije ku musi ugira kabiri, yamara ikompanyi y’indege ikomeye y’igihugu ca Kenya, yatangaje kw’ibikorwa vyayo vyasubiye kurangurwa, nk’uko bisanzwe.
Abakiri bato bari mu bikorwa basabwa n’igihugu hamwe n’abasirikare, nibo bariko bararangura imirimo yo gusuzuma umutekano n’ukuraba uruja n’uruza rw’abantu, inyuma y’aho abakozi bakora ku kibanza c’indege batanguriye kugira imyiyerekano hamwe no kugarariza akazi ku musi wa gatatu.
Ingingo yafashwe n’abo bakozi, yaratumye imirimo yo ku kibanza c’indege ca Jomo Kenyatta, ihagarara.
Umushikiranganji w’igihugu ca Kenya ajejwe gutwara abantu n’ibintu James Macharia, yavuze ko kugarariza akazi, ar’ica co guhemukira igihugu.
Bamwe mu bantu batunganije iyo myiyerekano yo kugarariza akazi, baramaze gutabwa mu mvuto.
Facebook Forum