Uko wahagera

Abakora Imyiyerekano yo Kwiyamiriza Reta muri Sudani Biyongeye


Bamwe mu bakoze imyiyerekano
Bamwe mu bakoze imyiyerekano

Abagira imyiyerekano y'ugusaba ko Reta ya Sudani isamburwa biyongeye mu gushika mu bihumbi n'ibihumbi uno musi ku wa mbere. Ivyo bibaye mu gihe igihugu gihanganye n’ivyo abategetsi b’abasivile bavuga ko ari ibibazo bikomeye cane vya reta mfatakibanza imaze imyaka ibiri ishizweho.

Abari mu myiyerekano barimwo benshi bashitse bavuye hanze y’umurwa mukuru, Khartoum, bakoranijwe n’urunani rw’imirwi irwanya ubutegetsi n’imigambwe yifatanije n’igisirikare, vyagiriza imigambwe y’abasivile ko yigungiyeko ubutegetsi kandi isesagura amatungo ya reta.

Igisirikare carasangiye ubutegetsi n’abayobozi b’imfatakibanza b’abasivile kuva Prezida Omar al-Bashir akuwe ku butegetsi mu mwaka w’i 2019. Yari amaze imyaka 30 ku butegetsi. Abategetsi b’abasivile bagiriza igisirikare ko kiriko kirondera kugira kudeta.

Imyiyerekano hanze y’ibiro vya prezida mu bibanzwe abantu bataharekuriwe, yatanguye ku musi wa gatandatu w’iyi ndwi turangije. Ku musi w’Imana ibitigiri vy’abari mu myiyerekano vyari vyagabanutse. Yamara uno musi ku wa mbere ku mutaga, ivyo bitigiri vyari vyasubiye kwiyongera bishika ku bantu bari hagati y’i 2000 n’i 3000. Umushikiranganji wa mbere wa Sudani, Abdalla Hamdok, yagirishije inama yihutirwa uno musi ku wa mbere.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG