Umugwi ujejwe gutunganya amatora mu Gihugu ca Ghana uramirira kure ibirego bivuga ko abakandida bakuwe ku rutonde gw’ihiganwa mu matora y’Umukuru w’Igihugu, ategekanya kuba itariki 7 z’ukwezi kwa 12, ari kubera imvo za politike.
Mur’abo bakandida 12 harimwo umutambukanyi w’uwahoze ar’Umukuru w’Igihugu ca Ghana, Nana Konadu Agyemang Rawlings, aserukira umugambwe NPD, utavuga rumwe na Reta, yakuwe mw’ihiganwa bivuye ko hari ivyangombwa atakwije muvyo yasabwa kuba yatanze muri ceni, bitarenga itariki ya 30 z’ukwezi kw’9.
Mu bakwije ivya ngombwa, bagiye guhiganwa mu matora y’Umukuru w’Igihugu, n’abakandida bane, bagizwe n’uwahora ayoboye Ghana, John Dramani Mahama. Abandi ni Addo Dankwa Akufo-Addo, ari mu mugambwe NPP, Ivor Kobina Greenstreet wo mu mugambwe RPC, hamwe na Jacob Osei Yeboah ata mugambwe numwe aserukira.
Eric Dzakpasu, umuvugizi w’Umugwi ujejwe gutunganya amatora avuga ko uwo mugwi avugira, wisunze amategeko y’amatora yemewe n’Igihugu. Dzakpasu amenyesha kandi ko mu ndwi iza, abakandida bazokora tombola kugira umugwi ceni utunganye ingene bakurikirana ku makarata y’amatora. Ugwo rutonde akaba ari narwo abakandida ku gwego gw’Inama Nshingamateka, mu migambwe yabo bazoheza bagakoresha.