Uko wahagera

Mozambike: Abajejwe Ubutungane Barabangamiwe n'Ubwicanyi


Alice Mabote, arongoye Ishirahamwe rijejwe agateka ka zina muntu muri Mozambique.
Alice Mabote, arongoye Ishirahamwe rijejwe agateka ka zina muntu muri Mozambique.

Amashirahamwe atari make akorera mu gihugu ca Mozambike asaba kugarukira ubutungane, inyuma y’ubwicanyi bwahitanye abatari bake mu bacamanza no mu bashikizamanza. Aho muri Mozambike.

Carlos Mondlane, Umukuru w’Ishirahamwe ry’abacamanza muri Mozambike, amenyesha ko habaye ubwicanyi no guter’ubwoba abari mu nzego zijejwe ubutungane. Uwundi mugwi ujejwe agateka ka zina muntu umenyesha ko ubwicanyi butegwa n’inyifato itabereye y’abapolisi, ukurya ibiturire hamwe n’ukutubahiriza umwuga w’ubutungane.

Ubwicanyi bwaranzwe aho muri Mozambike kubakozi ba Reta, mu kwezi guheze bwarahitanye kandi abanyepolitike batatu. Alice Mabota, aserukira Ishirahamwe ry’abaharanira agateka ka zina muntu, amenyesha ko ubwo bwicanyi buba izuba riva, kandi ko bushobora no gutandukira abanyagihugu basanzwe.

Isaac Chande, Umushikiranganji w’Ubutungane yabwiye abamenyeshamakuru ko Reta yagerageje uburyo bwose ikorana n’ubutungane kugira abagirwa n’ivyo vyaha barengutswe imbere y’intahe, bongere batorere umuti ivyo bibazo vyose.

XS
SM
MD
LG