Uko wahagera

Abahitanywe n'Impanuka y'Ubwato muri Tanzaniya Bageze ku 136


Abari mu bikorwa vyo kurondera abaguye mw'isanganya ku kiyaga Victoria
Abari mu bikorwa vyo kurondera abaguye mw'isanganya ku kiyaga Victoria

Muri Tanzaniya igitigiri c’abantu baguye mw'insanganya ry'ubwato ku muhingamo w'uno wa kane bwibiye mu kiyaga Victoria kimaze gushika kw’136.

Tereviziyo y'igihugu yemeje ivyo bitigiri mu gatondo k'uno wa gatanu yatangaje ko abajejwe gutabara bakibandanya ibikorwa vyo kurondera abandi boba baribiye.

Umutegetsi w'akarere ka Mwanza kabereyemwo iryo sanganya yabwiye itororokanirizo ry'amakuru y'abanyamerika, Associated Press "AP", ko igitigiri c'abaguye muri iryo sanganya gishobora kwiyongera.

Naho ata gitigiri c'abari muri ubwo bwato kiratangazwa, ishirahamwe mpuzamakungu rijehwe gutabara imbabare, Croix Rouge, muri Tanzaniya ryabwiye AP, ko abarovyi n'abanyagihugu baba mu micungararo bemeza ko ubwo bwato bwarimwo abarenga amajana abiri.

Ejo ku wa kane, Komiseri w'akarere ka Mwanza, John Mongella, yemeje ko abarokowe bagera kuri 37 kandi baremvye cane.

Perezida John Magufuli yasavye abanyagihugu kwihangana bagatekana.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG