Uko wahagera

Abahitanywe n'Imiriro muri Reta ya California Bageze ku 71


Isanamu y'inzu iri mu zahiye zigatokombera

Abategetsi ba Reta ya California batangaje kuri uno wa gatandatu ko abahitanywe n’imiriro imaze iminsi ibica bigacika mu bisagara bitandukanye vy’iyo Reta bageze kuri 71, abatazwi irengero ryabo nabo barenga 1000.

Sheriff Kory Honea ajejwe gucungera umutekano muri komini ya Butt yasiguye ko bigoye kuvuga nimba abo barenga igihumbi atawuzi irengero ryabo boharurwa mu bahitanywe n’iyo miriro canke barahunze ariko ntibashobore kuvuga ko bakiri bazima.

Honea yasavye uwo wese yarusimvye kubivuga mu ntumbero yo kumenya ibitigigiri ntabanduka vy’abahitanywe n’iyo miriro.

Perezida wa Amerika Donald Trump mu gatondo k’uno wa gatandatu yishikiye muri iyo Reta mu ntumbero yo kuraba ivyahononekariye no kugarukira ku baburiye utwabo muri iyo miriro.

Abajejwe gutabara batangazako naho amatohoza y’icateye uwo miriro akibandanya bikeka ko woba wavuye ku vyuma vyahiye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG