Uko wahagera

Abagwanya Ubutegetsi muri Republika Iharanira demokrasi ya Congo Barafashe Igisagara Kigira Kabiri mu Buseruko bw’Igihugu.


Umwe mu bategetsi bakuru b’umugwi M23, yabwiye abamenyeshamakuru kw’abagwanyi b’uwo mugwi bazofata ibindi bisagara gushika Reta ya Congo yemeye ibiganiro.

Abaserukira umugwi ugwanya ubutegetsi bwa Congo, M23, batangaje ko bafashe igisagara ca Rutshuru ejo ku musi w’Imana ku mutaga ata ngwano ihabaye. Ico gisagara kiri kw’ibarabara rikuru mu buraruko umuntu avuye mu gisagara ca Goma, umurwa mukuru w’intara ya Kivu yo mu buraruko.

Umwe mu bategetsi bakuru b’umugwi M23, yabwiye abamenyeshamakuru kw’abagwanyi b’uwo mugwi bazofata ibindi bisagara gushika Reta ya Congo yemeye ibiganiro.

Ukwigira imbere kw’abagwanya ubutegetsi vyabaye umusi umwe inyuma yuko umuvugizi w’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U, Ban Ki-moon asavye ihagarikwa bidatevye ry’ubwicanyi n’uruhagarara muri Congo.

Umusirikare ajejwe gucungera umutekano w’ishirahamwe O-N-U, yarapfuye inyuma yuko arashwe ku musi wa gatanu igihe abagwanya ubutegetsi bagwanije inteko za Reta bagafata igisagara ca Bunagana, igisagara kiri hafi y’urubibe n’igihugu ca Uganda mu bumanuko bushira ubuseruko bw’igisagara ca Rusthuru.

XS
SM
MD
LG