Uko wahagera

Abaguye mu Mpanuka y'Indege ya Gisirikare muri Filipine Bageze ku 29


Ibisirigarira vy'indege yagize insanganya
Ibisirigarira vy'indege yagize insanganya

Abaguye mu mpanuka y’indege ya gisirikare muri Filipine bageze ku 29. Umushikiranganji wo kwivuna abansi muri ico gihugu, Delfin Lorenzana yatangaje ko abakomerekeye muri iyo ndege yari igwiriyemwo abasirikare nabo bageze ku 50. Abakironderwa ni 17.

Itororokanirizo ry’amakuru y’abongereza, Reuters, Ijwi ry’Amerika rikesha ano makuru ryavuze ko iyo ndege yo mu bwoko bwa C-130 yahiye iriko iruruka mu ntara yitwa Sulu iri mu maj’epfo ya Filipine. Iyo ntara imaze imyaka n’imyaka iberamwo intambara hagati y’ingabo za Reta n’abarwanyi biyitirira idini rya Islamu.

Umuvugizi w’igisirikare ca Filipine Coloneli Edgard Arevalo, yavuze ko amatohoza y’ibanze yerekana ko ata gitero cagabwe kuri iyo ndege.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG