Uko wahagera

Abagize Urwego rwa CECI mu Makomine Yose y'Uburundi Batangajwe


Bamwe mu bagize ama CECI
Bamwe mu bagize ama CECI

Bamwe mu banyamigambwe n’abarongoye amwe mu mashengero n’amashirahamwe yigenga bashikiriza ko kubona batashizwe mu mirwi y’amatora mu makomine ari ikumirwa ridasanzwe. Babishikirije kuri uno wa gatanu aho hashirwa ahabona abagize iyo mirwi mu makomine yose agize igihugu.

Muri komine Muha mu bumanuko bw’igisagara ca Bujumbura ni hamwe mu hashizwe ahabona urutonde mfatakibanza rw’abagomwe kugira baje mu murwi wa komine ujejwe amatora wigenga. Mu bantu batanu batowe muri iyo komine batatu baturuka mu migambwe CNDD-FDD, CNL na UPRONA. Babiri na bo baturuka mu mashirahamwe y’urwaruka n’abakenyezi. Bagizwe n’abahutu batatu n’abatutsi babiri harimwo n’abakenyezi babiri.

Umwe mu bakomiseri b’umurwi CEPI ujejwe amatora mu gisagara ca Bujumbura ni yashize ahabona urutonde rw’abagomwe.

Uwaserukiye umugambwe FNL ntashima ingene bo bataronkejwe ikibanza muri CECI Muha. We yiiyamiriza abashizwe muri uwo murwi baturutse mu mashirahamwe y’abakenyezi n’urwaruka adakeka ko begamiye umugambwe uyu canke uriya.

Agashavu si ku ruhande rw’abanyamigambwe gusa. Mu bari mu mashengero andetse n'abahagarariye abakenyezi hari ukudashima ingene badahagariwe cyangwa ko abagomwe ari abo mu bwoko bumwe. Ku ruhande rw’umugambwe w’abadasigana UPRONA somambike na CNDD-FDD, bashima igikorwa cakozwe.

Aboba bafise amakenga kw’ishingwa ry’umurwi ujejwe amatora muri komine Muha bafise ikiringo co gushika ku musi wa mbere w’indwi iza kugira babe babishikanye muri CEPI. Uwaserukiye uwo murwi mu gisagara ca Bujumbura yagabishije abari ku rutonde mfatakibanza ko hashobora kugira igihindutse bibaye ngombwa.

Ico gikorwa co gushira ahabona intonde mfatakibanza z’abagize imirwi CECI cabaye kuri uno wa gatanu mu makomine 119 yose agize Uburundi. Abagize iyo mirwi uko ari 595 ku rwego rw’igihugu bategerezwa kuva mu nzego, mu migambwe, mu mashirahamwe yigenga n’amashengero.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG