Uko wahagera

Abagirizwa Urudandaza rw'Abarundikazi i Kampala Batawe mu Mvuto


Icapa kiriko uwiyamiriza urudandazwa rukorerwa abantu
Icapa kiriko uwiyamiriza urudandazwa rukorerwa abantu

Abantu batanu bagirizwa urudandazwa rw'abarundikazi barenga 30 i Kampala ku murwa mukuru wa Uganda ku wa kabiri w'ino ndwo baratawe muri yompi. Uko ari batanu ni abagabo bahagaristwe ku bufatanye bw’abajejwe umutekano, igisata kijejwe iperereza n’abajejwe kurwanya urudandazwa rw’abantu muri ico gihugu.

Ikimenyeshamakuru co muri Uganda, Daily Monitor, dukesha ano makuru kivuga ko igisata kijejwe amatohoza ku vyaha bikomakomeye catanguye guhiga abo bagabo inyuma y’amakuru cahawe n’ubuserukizi bw’Uburundi i Kampala. Amatohoza yaje gukorwa mu nyuma, yashikanye polisi ya Uganda mw’ihoteri yitwa “Kab” iri mu gisagara hagati I kampala, ahari umwe mu bagabo bafise ubwenegihugu bwa Uganda yari kumwe n’abakobwa babiri, bavuga ko banakorewe ihohoterwa rishingiye ku gitsina.

Ico kimenyeshamakuru ntigitanga imyaka y’abo bakobwa/bagore. Gusa, uwo mugabo w’umugande azwi kw’izina rya Joseph Garuka inyuma yo guhatwa ibibazo, yaje kwiyemerera icaha, agirako yerekana ahandi hari abagera ku 30, bari bugaraniwe mu gipangu ata c’epfo na ruguru. Umwe mu bakoze amatohoza yemanga ko uwo mu Joseph Garuka, yaja araja muri urwo rupangu ruri ahitwa Bulenga, akihitiramwo abo aja gusambanya mu mahoteri.

Charles Twin avugira igispolisi c’inyamiramabi muri Uganda yabwiye ikinyamakuru Daily Monitor ko bazokwifashisha intahe zizotangwa n’abo barundikazi, uwo mugabo n’abandi bari muri ino dosiye yose bakabwirizwa kubihanirwa. Hari yamara abemeza ko uwo mu Joseph Garuka yiyemereye ico caha asa nk’uwutinywa n’inzego bivanye n’imigenderanire bafitaniye.

Abajejwe kwamira amabi nabo babwiye Daily Monitor ko abo barundikazi bari bajanywe mu bihugu vy’abarabu. Ntibatomoye ariko igihugu bari bajanywemwo n'ingene bashitse muri Uganda. Aha, polisi y’ico gihugu yibutsa ko naho abenshi mu bakorerwa urudandazwa bajanwa mu bihugu vy’abarabu gukoreshwa nk’abacakara, hari igihe bajanwa mu bihugu bitandukanye bakavanwamwo ku nguvu ibihimba bimwe bimwe vyabo birimwo amafyigo, imishishito, n’ibindi bifasha umutima gukora neza: Iki kibazo ONU iramaze kukiburirako akatari gake, aho yemeza ko nk’infyigo hari aho ridandazwa amadorali arenga ibihumbi ijana na mirongo itanu, umutima nawo ayarenga ibihumbi ijana vy'amadorali.

Inkuru y' Umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika i Washington DC, Diane Nininahazwe.

Abagirizwa Urudandazwa rw'Abarundikazi Bafashwe muri Uganda
please wait

No media source currently available

0:00 0:02:24 0:00



Facebook Forum

XS
SM
MD
LG