Uko wahagera

Abagera kuri 32 Baguye mu Mihango yo Gushingura Jenerali Qassem


Abantu bagera kuri 32 baguye mu misunikano no guhonyangana kwaranze imihango yo gushingura Jenerali Qassem Soleimani yahitanywe n’igitero c’indege itagira umudereva y'Amerika ku munsi wa gatanu.

Amakuru ava muri Irani yemeza ko abagera ku 190 bakomerekeye muri iyo misunikano. Jenerali Qassem Soleimani yashinguwe mu gisagara yavukiyemwo citwa Kerman.

Ibisagara bitandukanye birimwo umugwa mukuru Teherani vyari bimaze iminsi bimwunamira.

Mu mihango yo guherekeza Soleimani, Umukuru w’Inteko zidasanzwe z’igihugu ca Irani, Hossein Salami yasubiye kugabisha ko Irani izokwihora kw’iyicwa rya Qassem Suleimani.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG