Uko wahagera

Abafransa Bibutse Abaguye mu Bitero by'Iterabwoba


Abafaransa baharurwa mu bihumbi ejo ku musi wa gatanu baributse indwi irangiye habaye ibitero vy’abihevyi, aho bamaze ijoro ryose mu gisagara Paris batembera mu mabarabara, bihereza ibinyobwa mu bunywero bumviriza n’imiziki.

Benshi bari bacanye amabuji abandi baguma bahagaze mu kibanza citwa Place de la Republique mu gisagara Paris, ikibanza cagizwe icibutso c’abasize ubuzima mur’ivyo bikorwa vy’iterabwoba. Mu gatondo k’ejo ku wa gatanu nyene ibihumbi vyinshi vy’abayisilamu baragize amasengesho ku musigiti wa Paris. Umutekano wari ucungerewe bikomeye kuburyo uwinjira wese yabanza gusakwa.

Benshi mur’abo bayisilamu bavuze ko bakoze ivyo kugira berekane ko abamizilima ataco basa basana n’ibikorwa vy’iterabwoba.

XS
SM
MD
LG