Uko wahagera

Abadiplomate ba Isirayeri kw'Isi Yose Bari Muri Yegereyegere


Ambasade ya Isirayeri mu Burusiya
Ambasade ya Isirayeri mu Burusiya

Imbarutso y’iyo yegereyegere ni ingingo ya Reta yo guhindura ingene basubizwa amafaranga bakoresheje igihe cose batumiye abashitsi mu miryango yabo.

Abadiplomate ba Isirayeri kw’isi yose bari muri yegereyegere yo kwiyamiriza ico bise “ubuzima bubi bakoreramwo”. Ubuserukizi burenga ijana bw’ico gihugu ku migabane ine ntibwakoze.

Imbarutso y’iyo yegereyegere ni ingingo ya Reta yo guhindura ingene abadiplomate basubizwa amafaranga bakoresheje igihe cose batumiye abashitsi mu miryango yabo mu vy’akazi.

Uwuserukira Isirayeri mu Bubirigi yabwiye iradiyo y’igihugu muri ico gihugu ko bigoye kuronka fagitire (Facture) y’inzimano zose baba bahaye ababagendeye.

Emmanuel Nachson yashimangiye ko igihugu ari ngombwa ko kibizera kikaza kirabasubiza amahera bakoresheje bitarinze guca mu gusuzuma kurengeje urugero.

Ibitangazamakuru muri Isirayeri vyatangaje ko kubera ubukene ubushikiranganji bujejwe imigenderanire n’ayandi makungu burimwo inyuma yo kugabanirizwa amafaranga bukoresha ku mwaka ku mwaka, ingendo z'akazi z’abadiplomate zabaye zirahagarikwa kandi ko ata n’umwe yemerewe kurenza amasaha yo gukora. Ubundi iyo bayarengeje bayahamberwa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG