Uko wahagera

Abadiplomate b'Uburundi n'u Rwanda mu Birukanywe na Afurika y'Epfo


Ifoto ngereranyo yerekana bumwe mu bwoko bw'inzoga "Umuvinyu', bubarizwa mu mazu abadiplomate bagururamwo inzoga batarinze kuriha amatagisi (Taxes)
Ifoto ngereranyo yerekana bumwe mu bwoko bw'inzoga "Umuvinyu', bubarizwa mu mazu abadiplomate bagururamwo inzoga batarinze kuriha amatagisi (Taxes)

Afurika y'Epfo yirukanye abadiplomate b’abanyamahanga barenga 200 ibagiriza kugura inzoga ata matagisi, hama bakazigurisha ku mafaranga y’umurengera. Ikimenyeshamakuru co muri Afurika y’Epfo, Sunday Independent, Ijwi ry’Amerika rikesha ino nkuru gitangaza ko abirukanywe bakomoka mu bihugu birimwo Uburundi, u Rwanda, Lesotho, Gineya, Malawi n’ibindi bihugu.

Abagirwa n’ico caha ico kimenyeshamakuru mu nkuru yaco kibandanya kivuga ko bikitse mu kiza bakaja barinyavya mu mazu azwi kw’izina rya “Duty Free” ari mu bibuga vy’indege n’ahandi abadiplomate bemerewe gusumira ata matagisi, hama bamara kugura ayo mayoga bakayadandaza ku mafaranga ari hejuru cane.

Abategetsi ba Afurika y’Epfo babwiye Sunday Independent ko ibi vyatumye igihugu cabo gihomba amamiriyoni y’amadorali yababa indwi ku kwezi. Abakoze amatohoza kuri iki kibazo batanga akarorero k’umwe mu badiplomate atavuzwe igihugu akomokamwo urwo rudandazwa yoba yarwungukiyemwo amamiriyoni y’amadoroli yababa atatu mu kiringo c’amezi atatu.

Igisata kijejwe imigenderanire y’Afurika y’Epfo n’ayandi makungu, Dirco, naco cavuze ko kigitohoza ayandi makuru avuga ko hambavu y’abo ba diplomate bagura inzoga ata matagisi bakazidandaza ku mafaranga menshi, hari n’abuguruye amaduka bazidandarizamwo muri Afurika y’Epfo no mu bihugu vyabo.

Ikimenyeshamakuru Sunday Independendent cemeza ko abamaze gushika mu bihugu vyabo mu ma 200 birukannywe ari 17, barimwo umukobwa w’uwahoze ari Prezida wa Malawi, Bingu Wa Mutharika n’umusengezana wa Peter Mutharika yavuye ku butegetsi mu mwaka uheze. Malawi yemeje ko hari abadiplomate babo bamaze gutahuka, inabisabira imbabazi ivuga ko yicujije kubona hari abadiplomate bayo bigenjeje uko.

Mu ndwi iza ni ho vyitezwe ko abadiplomate ba Gineya, U Rwanda n’Uburundi basubizwa mu bihugu vyabo ubutagaruka nkuko Sunday Independent ibandanya ibivuga. Ku ruhande rw’Uburundi, Madamu Sonia Niyubahwe avugira Ubushikiranganji bujejwe Imigenderanire y’ico gihugu n’ayandi makungu mu kiganiro yagiranye n’Umumenyeshamakuru w’Ijwi ry’Amerika, Diane Nininahazwe, yasiguye ko bataramenya abirukanywe uko bangana, ariko ko bavyakiriye naho bazorinda gukora amatohoza yabo. Umviriza ibindi aho hepfo

Uburundi Buvuga iki ku Kibazo c'Abadiplomate Babwo Birukanywe muri Afurika y'Epfo?
please wait

No media source currently available

0:00 0:04:29 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG