Uko wahagera

Abadereva ba Kenya Airways Bashobora Guhagarika Akazi


Isanamu y'indege ya Kenya Airways
Isanamu y'indege ya Kenya Airways

Kuva ku musi wa kane w’iyi ndwi mu kiringo c’amasaha 48 abadereva b’ikompanyi ya Kenya Airways bavuga ko bazohagarika akazi mu gihe umuyobozi mukuru wa Kenya Airways, Mbuvi Ngunze, atokwegura. Mw’ikete bashize ahabona bemeza ko ingingo yabo ari ntasubirwamwo.

Bwana Ngunze yagirizwa n’abo badereva ko ayobora nabi ishirahamwe bigatuma rihahombera co kimwe n’abakozi bose muri rusangi.

Turetse gusaba ko umuyobozi mukuru wabo atanga imihoho banasaba ko abandi bose bagize urwego nyobozi bagirizwa gutwara nabi nabo bobogozwa bose.

Batanga akarorero ko mu mezi atandatu gusa mu mwaka w’i 2015 Kenya Airways yagize igihombo c’imiliyaridi hafi 12 z’amashilingi ya Kenya, angana n’imiliyoni 120 z’amadolari y’Abanyamerika.

Hagati y’umwaka w’i 2014 n’i 2015 naho, urwo rwego rw’abadereva rwemeza ko kompanyi yahomvye imiliyaridi zirenga 29 z’amashilingi ya Kenya akaba arenga imiliyoni 290 z’amadolari y’abanyamerika.

Kompanyi ya Kenya Airways iri muzikomeye ku mugabane wa Afurika. Ku musi ku musi itwara ingenzi zigera ku bihumbi 10. Ariko uyu mwaka, bitewe n’igihombo imazemwo imyaka itatu n’igice, yahagaritse ingendo 10 harimwo zibiri zaja mu Burundi. Mu misi iheze, iyo kompanyi yatangaje ko igiye gufuta mu kazi abakozi bagera kuri 600 kubera ubutunzi bwayo butifashe neza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG