Uko wahagera

Abacangero b'Uburusiya Bazoja muri Mali Gukingira Umutekano


Bamwe mu bacangero b'ikigo Wagner Group. Ino foto yafashwe na Ukraine ntiyigeze ivuga ikibanza abo bacangero barimwo
Bamwe mu bacangero b'ikigo Wagner Group. Ino foto yafashwe na Ukraine ntiyigeze ivuga ikibanza abo bacangero barimwo

Amasezerano y'ukurekurira abacangero b'Uburusiya mu gihugu ca Mali ari hafi y'ugushikwako. Ivyo bizokwongereza igihagararo c’ico gihugu ku bibazo bijanye n’umutekano muri ico gihugu. Iyo ngingo ya Reta ya Mali yararwanijwe n’Ubufransa bwahoze bukolonije ico gihugu.

Abacangero bagera ku 1.000 bashobora kurungikwa muri Mali. Ishirahamwe ry’abacangero b’abarusiya, Wagner Group, rivugwa ko rizorihwa imiliyoni cumi n’ibihumbi amajana umunani y’amadolari ku kwezi ku bikorwa vyayo muri Mali.

Inkuru itangwa n’abajejwe umutekano bakorera muri Mali irimwo bavuga ko abo bacangero bazomenyereza igisirikare c’ico gihugu, bongere bakingire abategetsi bakomeye baco. Ubufransa buriko bugeregeza gutuma ivyo bitaba. Buriko burondera gufatwa mu mugongo n’ibihugu bikorana birimwo na Reta zunze ubumwe z'Amerika mu mugambi w’ukwumvisha abasirikare bayoboye igihugu ca Mali kudatera umukono kuri ayo masezerano.

Bwarungitse abategetsi bakomeye babuserukira mu Burusiya na Mali kugira bagirane ibiganiro n’abategetsi b’ivyo bihugu vyompi. Ubufransa butewe impungenge nuko irungikwa ry’abacangero b’abarusiya muri Mali vyogeramira ibikorwa vyayo vy’ukurwanya iterabwoba ry’umurwi al-Qaida n’abarwanyi bakorana na Reta ya kiyislamu mu karere ka Sahel. Ni mu gihe ico gihugu kiriko kirondera kugabanya abasirikare baco bagera ku 5.000 muri ako karere.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG