Uko wahagera

Aba Orthodoxe muri Etiyopiya Basaba Gukingirwa


Bamwe mu ba Orthodoxe bahimbaza umunsi mukuru w'Umusaraba Mweranda mu 2017.

Indongozi z’ishengero ry’aba Orthodoxe muri Etiyopiya zasavye Reta gutanga umuco ku co bise : «Ubugizi bwa nabi no guturira amasengero vyabaye ndanse ». Babivugiye mu butumwa batanze hahimbazwa umunsi mukuru witiriwe Umusaraba Mweranda, uzwi kw’izina rya Meskel muri ico gihugu.

Umwe mu bategetsi bo muri iryo sengero rigwiriyemwo benshi muri Etiyopiya yagize ati : «Abakirisu b’aba Orthodoxe ntibishimiye Reta ihari. Turakeneye ko indongozi z’iki gihugu zigira ico zivuze. Kuki zicereje? ». Iyo ndongozi yasavye umushikiranganji wa mbere wa Etiyopiya Abiy Ahmed kubakingira no guhana abagirwa n’ivyaha.

Abasesangura ivya Etiyopiya bavuga ko ico cuka hagati y’ishengero ry’aba Orthodoxe na Reta gishobora kuvyura uruhagarara n’imishamirano hagati y’abadasangiye ubwoko muri kino kiringo ico gihugu citeguriye amatora yo mu 2020.

Umunsi mukuru w’Umusaraba Mweranda muri Etiyopiya Meskel uhimbajwe inyuma y’imisi ya Mungu ibiri yikurikiranya ababa mu buraruko bwa Etiyopiya bakora imyiyerekano yo mw’ituze biyamiriza iturirwa ry’amasengero.

Hagati aho polisi yagabishije abohirahira bagakora imyiyerekano ishobora guhungabanya uwo munsi mukuru: Nta vyapa, inyandiko canke ama darapo vyemewe gutwagwa mu kivunga uno munsi.

Ishengero ry’aba Orthodoxe ryemeza ko amashengero 25 muri rusangi ari yo yaturiwe muri ino myaka ibiri iheze. Mu gihe bamwe bemeza ko ayo mashengero aturirwa n’abanka imyemerere y’abayasengeramwo, hari urundi ruhande ruvuga ko n’ikibazo c’ubwoko coba cihishije inyuma.

Ubwoko bw’ama Oromo bukomokamwo umushikiranganji wa mbere wa Etiyopiya bwagirizwa gushaka gushinga irindi shengero ryabo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG