Uko wahagera

Umuhuza w'Abarundi: Ombudsman


Umuhuza w'Abarundi yatowe n’ibice bitatu kuri bine vy'abashingamateka. Igitigiri gisabwa n'amategeko kikaba carubahirijwe. Ajejwe gutatura amatati atandukanye, ashobora kuvyuka hagati ya reta n'abanyagihugu

Umuhuza w'Abarundi, Mohamed Rukara, yaraye ashikirijwe mu mabanga yo gutatura amatati hagati y'Abarundi na reta. Kw’igenekerezorya 23, ukwezi kw’imcumi na rimwe, niho Rukara yarahira, n'ubwo hariho imigwi itamwemera.

Umuhuza w'abarundi, Mohamed Rukara, yarahiye afashe idarapo ry'Uburundi mu minwe, ahagaze kandi imbere y'Umukuru w'igihugu, abashingamateka n'abakenguzamateka. Igihe yarahira yavuze ati "Ndarahiye kutazohemukira umukuru w'igihugu, kwubaha ibwirizwa nshingiro n'ayandi mategeko agenga igihugu. Ndarahiye kuvugisha ukuri no kutarenganya. Ndiyemeje kugumya ibanga mu kazi kanje".

Abashingamateka n'abakenguzamateka benshi bakomoka mu mugambwe UPRONA n'abakomoka mu bwoko bw'Abatwa, nti bitavye amatora canke ibirori vyakurikiye irahira rya Mohamed Rukara ngo abe umuhuza w'abarundi. Umukenguzamateka Libérate Nicayenzi wo mu bwoko bw'Abatwa avuga ati umuhuza Abarundi bari bakeneye nti yari akwiye kuva mu mugambwe, kugira ngo vyibonekeze koko ko ataho ahengamiye.

Jerémie Ngendakumana umukuru w'umugambwe CNDD- FDD, ari nawo Mohamed Rukara akomokamwo, arashima itorwa rya Rukara Mohamed. Ku bwiwe avuga ko ata murundi atari mu mugambwe. Umuhuza w'Abarundi yatowe n’ibitigiri bitatu kuri bine vy'abashingamateka, bakaba barakwije ibisabwa n'amategeko, n'ubwo abashingamateka bo mu mugambwe UPRONA n'abo m’ubwoko bw’Abatwa bari basohotse. Gasutwa Bonaventure, umushingamateka wo mu mugambwe UPRONA avuga ko amatora ashimikiye ku bitigiri akwiye mu Burundi. Ku bw'icegera c'umukuru wa OAG ishirahamwe rikurikiranira hafi ibikorwa vya reta, umuhuza w'Abarundi yaraye atowe akwiye kwisunga ivyo vyose anegurwa n'abatamwemera.

Umuhuza w'Abarundi ni urwego rutegekanijwe mu masezerano y'amahoro yashizweko umukono mu 2000 i Arusha muri Tanzania. Ikiringo c’igikorwa ciwe n'abamufasha kimara imyaka itandatu, mu gihe umukuru w'igihugu afise ikiringo c'imyaka itanu. Igikorwa ciwe gihagaze ku gutatura amatati atandukanye, ashobora kuvyuka hagati ya reta n'abanyagihugu, imigambwe, n'amashirahamwe. Ingingo urwo rwego rufashe zitegerezwa gushirwa mu ngiro na reta.

XS
SM
MD
LG