Uko wahagera

Ubwicanyi Hagati Mu Gisagara Ca Bujumbura


Abantu batatu, harimwo umusirikare afise ipete ya komanda n' umwigeme borongoranye ku musi wa gatandatu, baragandaguwe barashwe amasasu n'abantu bataramenyekana kw' ibarabara bitiriye kwa "Kapa" mu gisagara ca Bujumbura kur' uyu wa gatatu igenekerezo ry’ umunani ukwezi kw’ umunani isaha indwi yo ku muhingamo.

Umuntu agira gatatu yishwe, ariko vyibonekeza ko atariwe yarondegwa cane n' abo bagizi ba nabi, ntiyamenyekanye neza ariko ashobora kuba ari umunyeshuri kuko mu mufuko w’ impuzi yari yambaye abaporisi bakuyeyo impapuro yari yakoreyeko ikibazo. Yahitanywe n' amasasu kuko yari iruhande y'uwo musirikare n' umwigeme bari bimirije kwubakana.

Ababibonye bavuga ko abicanyi babiri baje nk'abarengana mu nyuma barafata umukobwa, bamukubita urusasu ku mutwe, bahindukiza inkoho ihitana uwo bari bagiye kwubakana n' uwundi muntu. Bahejeje gukora ubwo bwicanyi baciye bahunga bari mu muduga wa tagisi kandi ngonta n’ umwe yigeze awukurikirana kandi ngo hafi yaho hariho abaporisi.

Abanyagihugu baganiriye na radiyo Ijwi rya Amerika bavuze ko batewe ubwoba n' ubwo bwicanyi bubibutsa ivyakorwa mu magume mu myaka cumi irangiye.Ikindi bavuga n’ uko bashavuriye abaporisi batatabaye hakiri kare kuko inyuma y' iminuta cumi y'ubwicanyi nta baporisi bari bwahashike nk'uko twabibonye tukihashika. Abanyagihugu baranebaguye cane igikorwa c'abaporisi.

Mu bajejwe igiporisi bavuga ko amatohoza yamaze gutangura ariko kandi ngo ntivyoroshe gushira abaporisi ku mabarabara yose. Abakuru b' igiporisi, kenshi iyo hakozwe ubwicanyi canke ubusuma bikavugwa ko batatabaye, bakunda kuvuga ko ata buryo bafise, aha cane cane bakavuga ivyierekeye kwiyunguruza.

XS
SM
MD
LG