Uko wahagera

Burundi: Indwara ya Cholera Imaze Gufata Abantu  89 i Bujumbura


Abantu 89 mu maquariers 6 yo mu gisagara ca Bujumbura baramaze gufatwa n’ingwara ya cholera. Ivyo biharuro vyatanzwe n’abajejwe isuku mu bushikiranganji bujejwe amagara y’abantu. Ku bwa Gerard Mpawenayo ajejwe ico gikorwa mu gisagara ca Bujumbura, abafashwe n’iyo ngwara batanguye kwibonekeza kuva kw’igenekerezo rya 13 muri uku kwezi, ama zones amaze gufatwa akab ari Kamenge ari nayo isinzikaye kurusha izindi, Ngagara, Cibitoke, Bwiza, Buyenzi na Nyakabiga.

Ubushikiranganji bujejwe amagara y’abantu bumenyesha y’uko abagera kw’icumi ku musi ari bo bama basuzumwa iyo ngwara ku musi ku musi ku mavuriro, abagera kuri batatu bakaba bamaze kuhasiga ubuzima.

Insiguro y’iyaduka ry’iyo ngwara nk’uko abajejwe isuku mu gisagara ca Bujumbura babimenyesha, n’uko ata mazi meza akwiye akiboneka, ikeha ry’amabombo, ibura ry’utuzu twa surwumwe mu ngo zimwe zimwe,.

Muri kino gihe abajejwe ubuvuzi baratanguye gupompa ibibanza iyo ngwara imaze kwibonekezamwo, no gutanga umuti wa doxycicline kugira ngo abatarafatwa bashobore kwikingira, no guhimiriza abanyagihugu ku bijanye no kwubahiriza isuku.

Abajejwe ubuvuzi muri Mairie ya Bujumbura, bamenyesha y’uko ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bufise ibikwiye kugira ngo bashobore kuvura abandi bantu bofatwa n’iyo ngwara mu nyuma.



Shakira andi makuru yo mu karere

XS
SM
MD
LG