Uko wahagera

Burundi: Ubwicanyi Bwongeye Kwiyongera mu Turere Tumwe


Igwirirana ry’ubwicanyi riramaze kwibonekeza mu bice bimwe bimwe vy’igihugu. Inkuru ziva mu biro bikuru vy’intwaramiheto bimenyesha ko ukwo ibintu bimeze vyatanguye kuva mu mpera z’indwi iheze. Mu makomine ya Kabezi na Mutambu mu ntara ya Bujumbura rural hamwe na Kiremba mu ntara ya Ngozi (mu buraruko), abantu bagera ku 8 baragandaguwe kuva kw’igenekerezo rya 14 muri uku kwezi.

Umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi, Commandant Adolphe Manirakiza, amenyesha y’uko mu turere twa Gasura na Kinama muri Bujumbura rural abantu babiri bishwe bunyamaswa mw’ijoro ryo ku wa 13 rishira uwa 14, umwe yicwa n’urusasu uyundi yicwa n’amabuye. Ku musi ukurikira uyundi yaragandaguwe mu karere ka Kavomo, aho abicanyi babanje gusaba uyo muntu amahera imiriyoni 6 z’amafaranga y’amarundi imbere y’uko bemera kumurekura. Ku ruhande rwa komine Mutambu, abandi bantu babiri barishwe mw’ijoro ryo kuwa 6 rishira uw ‘Imana.

Umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi, Adolphe Manirakiza, yemeza kandi y’uko komine Kiremba mu ntara ya Ngozi naho nyene abantu babiri bishwe mw’ijoro ryo ku wa gatanu rishira uwa gatandatu, abandi batatu bicwa mw’ijoro rikurikira ryo kuwa gatandatu rishira uw’Imana. Abahakomerekeye bagera kuri batatu.

Umuvugizi wa gisirikare amenyesha y’uko itohoza ririko rirabandanya kugira ngo hamenyekane ibituma ubwo bwicanyi bwasubiriye kwiyongera.



Shakira andi makuru yo mu karere

XS
SM
MD
LG