Uko wahagera

Burundi: CNDD-FDD Yemerewe Kuba Ishyaka rya Poritiki


Umuhari CNDD-FDD wahora urwana waremerewe ku musi wa mbere na reta y'Uburundi y'uko ugiye kuba umugambwe uharanira politique.Uyo mugambwe ugira uwa 28 n'umunani wemewe n'amategeko y'igihugu.

Umushikiranganji ajejwe intwaro yo hagati mu gihugu, Simon Nyandwi, yamenyesheje y'uko kuva uyo musi uyo mugambwe ugiye kugengwa n'amategeko y'igihugu, yongera awusaba y'uko wokora wisunze ukwubahiriza amategeko, na cane cane irigenga imigambwe ryo ku wa 26 Ruheshi 2003.

Inyandiko zerekana akarangamutima k'uyo mugambwe n'imigambi yawo zari zarungitswe muri ubwo bushikiranganji kw'igenekerezo rya 30 Kigarama mu mwaka twaraye turangije.Umukuru wawo Pierre Nkurunziza, ari kumwe n'umunyamabanga mukuru wawo, Hussein Radjabu, yaramenyesheje ko intumbero nyamukuru yawo ari ukurwanya ivyama ibisubiza mu ngwano hagati ya benegihugu, no kurinda ibituma Abarundi bata igihugu cabo bagafata inzira y'ubuhungiro, uguteza imbere democratie ifatiye ku nyungu z'abanyagihugu, iterambere no kurwanya indyane iz'ari zo zose hagati y'Abarundi.

Pierre Nkurunziza ntiyashatse gutomora ko ari we agiye kuzokwitoza mu kibanza c'umukuru w'igihugu mu matora yimirije, akamenyesha ariko ko atazovyanka mu gihe inzego zitwara umugambwe wiwe zobimusaba.



Shakira andi makuru yo mu karere

XS
SM
MD
LG