Uko wahagera

Burundi: Amasezerano y'Arusha ngo Aragenda Neza - 2004-11-22


Inama y'abagize umurwi ujejwe gukurikirana ishirwa mu ngiro ry'amasezerano y'amahoro yabereye i Arusha yarashimye intambwe umaze gushikako gushika ubu. Mw'iyugururwa ry'ikoraniro ryawo rigira irya 23 i Bujumbura kuri uyu wa mbere, uwuserukira umunyamabanga mukuru w'ishirahamwe ONU mu Burundi akaba ari nawe arongoye iyo nama, Carolyn Mac Askie, avuga y'uko uyo murwi unezerejwe n'icuka ciza kirangwa mu gihugu mu bijanye na politique.

Carolyn Mac Askie yaramenyesheje kandi umwizero afise w'uko amatora y'ibwirizwa shingiro rishasha azoba kw'igenekerezo yategekenijweko rya 22 mu kwezi buca dutangura. Akamenyesha ariko ko uyo murwi arongoye utegerezwa gukurikiranira hagufi ibikorwa bisigaye kurangurwa.

Ivyo umupfasoni Carolyn Mac askie yabimenyesheje mu gihe ku musi w'ejo ku wa kabiri umurwi w'inama nkuru ya ONU ijejwe amahoro n'umutekano kw'isi izogendera Uburundi, mu rutonde rwawo ukazobonana n'abajejwe gukurikirana ishirwa mu ngiro ry'amasezerano y'i Arusha.

Tumenyeshe y'uko Carolyn Mac Askie yaheruka mu gihugu c'Ubuganda kw'igenekerezo rya 12 muri uku kwezi kugira ngo aganire na President Yoweri Museveni ibijanye n'intambwe umugambi w'amatora umaze kugerako.

Muri iyo nama yaramenyesheje icese y'uko amakungu afashe mu mugongo Uburundi, yongera shimira ibihugu vy'Ubufaransa, Ububirigi, n'Ubwongereza hamwe n'inama nkuru ya ONU ijejwe amahoro n'Umutekanokw'isi, ku mfashanyo bimaze gutanga mu mugambi w'amahoro mu Burundi.



Shakira andi makuru yo mu karere hano.
Saba amakuru muri email yawe hano.

XS
SM
MD
LG