Uko wahagera

Burundi: Abantu 2 Bishwe n'Umusirikari wo mu Nkambi ya Cibitoke - 2004-11-11



Bujumbura, ku wa 9 Munyonyo

Abacivils babiri barishwe mu Ruhagarika muri komine Buganda ku musi wa mbere ku mugoroba n'umusirikare wo mw'ikambi ya Cibitoke(mu buraruko bushira uburengero).

Inkuru zitangwa n'urwego rw'igipolisi mu Cibitoke zimenyesha ko uyo musirikare yari yaborewe, abo bantu bakaba bariko baramwinginga ngo yemere ko bamurihira inzoga yari ahejeje kunywa.

Izo nkuru kandi zimenyesha y'uko uyo musirikare yaciye afatwa igihe yariko aragerageza guhungira mu gihugu kibanyi ca Republika Iharanira Democratie ya Congo, abanje kujabuka uruzi Rusizi. Ubu afungiwe mw'ikambi yo mu ntara ya Cibitoke.

Abihweza ibikunda gushika muri iyo ntara bemeza y'uko ubugizi bwa nabi bwagirizwa abasirikare bo mw'ikambi ya Cibitoke muri kino gihe bwongerekanye, harimwo ugufata abana b'abakobwa n'abakenyezi ku nguvu, ubusuma be n'ubundi bwicanyi bunyuranye .

Ikindi gice cigihugu kivurwa mwo ubwicanyi ni mu ntara ya Rutana (mu bumanuko bushira ubuseruko bw'igihugu). Abantu babiri barishwe n'abasuma bitwaje inkoho mw'ijoro ryo kuwa gatandatu rishira uwa Mungu. Ubwo bugizi bwa nabi bwabereye i Kayero muri komine ya Mpinga-Kayove.

Abagizi ba nabi barinjiranye umuryango umwe w'aho i Kayero mugihe wariko urafungura igihe c'isaha zibiri zo ku mugoroba, barasa umuntu umwe. Uyo muryango waciye wivuna wicisha icuma gisongoye uyo muntu yari ahejeje gukora ibara. Uwo bari kumwe yaratowe aho yari yinyegeje, akaba yaciye ajanwa n'umupolisi yari asanzwe ari mu karuhuko mw'ikambi ya gisirikare ihegereye. Yamuhungishije kandi abanyagihugu bashaka kwihanira.



Shakira andi makuru yo mu karere hano.
Saba amakuru muri email yawe hano.

XS
SM
MD
LG