Uko wahagera

Burundi: Umukuru w'Abakenguzamateka ngo Atange Imihoho - 2004-10-26


Abakenguzamateka bashika ku 24 barasohoye urwandiko rusaba umukuru w'inama nkenguzamateka y'uko yotanga imihoho.

Urwo rwandiko rwasohotse mu nyuma y'aho Libere Bararunyeretse aherutse kumenyesha icese y'uko ibwirizwa shingiro mfatakibanza ritumvikanynweko n'impande zoze za politique imbere y'uko ritorwa. Me Fabien Segatwa, umwe mu bakenguzamateka bashize umukono kuri urwo rwandiko, amenyesha ko umukuru w'urwo rwego ateye kubiri n'iryo bwirizwa shingiro, kandi y'uko ashaka kurirwanya. Ku bwa Me Segatwa, iyo ngendo iteye umutima uhagaze kuko iryo bwirizwa ari ryo shingiro ry'ayandi mategeko yose agiye kuza muri kino gihe.

Abo bakenguzamateka 24 basaba ko yofata ingendo ya gishingantahe, akemera gutanga imihoho.

Tubamenyeshe ko uyo mukuru w'inama nkenguzamateka atigeze yitaba amanama y'inama nshingamateka adasanzwe abiri yatumweko n'umukuru w'igihugu Domitien Ndayizeye, iya mbere ikaba yari iyo kwemeza iryo bwirizwa shingiro. Iya kabiri yari igamije kwemeza ko iryo bwirizwa shingiro ari ryo rigiye kuba ibwirizwa shingiro mfatakibanza, mu nyuma y'aho inama y'abakuru b'ibihugu mu karere k'ibiyaga binini ku Burundi yemereje i Nairobi iryo bwirizwa shingiro.



Shakira andi makuru yo mu karere hano.
Saba amakuru muri email yawe hano.

XS
SM
MD
LG