Uko wahagera

Burundi: Abarundi Basaga 75 Birukanywe muri Tanzaniya - 2004-10-26


Igipolisi c'igihugu ca Tanzaniya carirukanye kw'igenekerezo rya 18 Gitugutu abarundi bashika ku 78 bari binjiye muri ico gihugu mu kinyegero. Inkuru ziva mu biro biraba icungerwa ry'ibirere, imbibe n'ingenzi mu Burundi, zimenyesha y'uko abo bantu bashaka kwinjira mu makambi y'impunzi z'Abarundi ari mu gihugu ca Tanzaniya. Inkuru ziva i Muyinga ku rubibe rw'Uburundi na Tanzaniya zimenyesha y'uko 45 muri bo bava mu makomine yo mu ntara ya Kirundo, mu buraruko, abandi bakaba bava mu ntara ya Cibitoke, mu burengero, na Kayanza,hagati.

Tumenyeshe y'uko ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho ibifungurwa PAM riherutse gufata ingingo yo kugabanya urugero rw'ibifungurwa ryahora ritanga ku mpunzi zishika 400.000 ziri mu gihugu ca Tanzaniya. Iryo shirahamwe rimenyesha y'uko ata mahera ariho yo kuriha izo mfungurwa gushika mu kwezi kwa kabiri mu mwaka uza. Umuvugizi w'iryo shirahamwe i Dar Es Salaam Karla Hersey yabwiye itororokanirizo ry'amakuru MISNA, y'uko iryo keha ry'ibifungurwa ritewe n'uguteba kw'amahera abigenewe. Atera akamo amakungu k'uko yotanga imfashanyo yihutirwa y'amahera agera ku miriyoni 14 z'amadollars y'abanyamerika.

Ibiribwa vyahora bihabwa impunzi bigiye kugabanuka kuva ku biro 2,5 gushika ku biro 1,9 vy'ibiharage n'imboga ku muntu umwe. Iyo ngingo yerekeye Abarundi hamwe n'Abanyekongo bahungiye mu gihugu ca Tanzaniya.

Ishirahamwe mpuzamakungu PAM rimenyesha ko ari ingingo zihutirwa, ryama rigeregeza kwigizayo kubera ko zituma umutekano muke wiyongera mu makambi no mu bihugu bihana imbibe, kuko ata handi impunzi zizera imfungurwa atari mw'ishirahamwe PAM.



Shakira andi makuru yo mu karere hano.
Saba amakuru muri email yawe hano.

XS
SM
MD
LG