Uko wahagera

Burundi: ONU Ntiramenya Neza Abishe Abanyamulenge  i Gatumba - 2004-10-26


Itohozwa riheruka gusabwa n'ishirahamwe ONU kugira ngo rishire ahabona abafise uruhara mu bwicanyi bwahitanye Abanyekongo bagera ku 160 kw'igenekerezo rya 13 mu kwezi kw'umunani ntiryashoboye kwerekana uwateguye, agatanga uburyo, akongera agakora ubwo bwicanyi.

Inkuru zimaze kumenyekana zerekana abagwanyi b'umuhari FNL - ukirwana mu Burundi- bashobora kuba baragize uruhara muri ubwo bwicanyi, ariko iryo tohoza ntiryerekana neza urwo ruhara ukwo rungana.

Nk'uko ico cegeranyo kibivuga, inkuru zatororokanijwe mu Banyamulenge bacitse kw'icumu, ziremeza ko iyindi mirwi canke abantu bashobora kuba barabugiyemwo. Ishirahamwe ONU rimenyesha ko iryo ari ifatiro rihambaye ryo gukurikirana itohoza.

Ico cegeranyo cashizwe ahabona kuri uyu wa mbere, cakozwe n'ibiro vy'iryo shirahamwe ONU muri Congo MONUC, ibiro vy'ishirahamwe ONU mu Burundi ONUB, hamwe n'igisata ca ONU kijejwe agateka ka zina muntu.

Ico cegeranyo gisaba y'uko urwego rwa ONU rujejwe amahoro n'umutekano rwotanguza itohoza ryotuma abakoze ico caha baja imbere y'ubutungane haba mu gihugu hagati canke ku rwego mpuzamakungu. Urwo rwego kandi rutegerezwa gusaba rushimitse reta y'Uburundi ko yogira itohoza rikwiyeko ivyavuye muri iryo tohoza vyoja imbere ya sentare mpanavyaha mpuzamakungu.



Shakira andi makuru yo mu karere hano.
Saba amakuru muri email yawe hano.

XS
SM
MD
LG