Uko wahagera

Burundi:  Padiri Gerard Nzeyimana w'i Makamba Yaguye mu Gaco k'Abarwanyi - 2004-10-19


Umupatiri wa Paruwase Makamba mu bumanuko bw'igihugu yarahitanywe n'umutego w'abantu bitwaje ibirwanisho.Ubwo bwicanyi bwashitse ku musi wa mbere ku mugoroba, igihe Patiri Gerard Nzeyimana yari mu muduga w'ubwoko bwa Jeep umuvanye i Bujumbura, akaba yari kumwe n'ababikira babiri.

Abo bicanyi barahagaritse umuduga yarimwo kw'i barabara RN3, mu karere ka Mukunu, muri komine Nyanzalac. Ababonye ukugene iryo sanganya ryashitse bemeza y'uko abo bitwaje ibirwanisho bahaye itegeko uyo mupatiri ryo kuva mu muduga yari atwaye, imbere y'uko yicwa n'urusasu.

Abapatiri b'i Nyanzalac baherekejwe n'abasirikare ba reta barashoboye gutora ikiziga ciwe mu gihe c'isaha 5 z'ijoro i Mukungu aho yari yiciwe.

Ababikira bari kumwe na Patiri Nzeyimana ntaco babaye muri iryo sanganya.

Patiri Nzeyimana yari afise imyaka y'amavuka 65.

Shakira andi makuru yo mu karere hano.
Saba amakuru muri email yawe hano.

XS
SM
MD
LG