Uko wahagera

Burundi: Ubwinshi bw'Abantu Bubangamiye Imibereho y'Urubyiruko rw'i Makamba


Igwira ry'umuryango rivuye ku kuvyara benshi muri secteur Burima, ryateye iyaga ry'isi ndimwa. Inkuru twatohoje muri ako karere k'intara ya Makamba, zemeza y'uko urugo rushobora kuvukamwo abarerwa bashika kw' icumi, itongo rikabana rito umuvyeyi aribagaburiye.

Vyongeye nta myuga inyuranye abo bakiri bato bazi, kuko ukurima ari wo murimo utunze abatari bake. Ukwama arima itongo rimwe nakwo nyene gutuma isi itituka, inkurikizi ikaba igabanuka ry'umwimbu. Seleus Sabushimike ntagisarura ibiroro bibiri vy'ibiharage nk'uko vyahora kera. Ukwo ibintu bimeze, bihungabanya ubuzima bw'urwo rwaruka kuko rutaba rucibeshejeho bikwiye. Twumvirize Ningenza:

“Kare umuntu wasanga afise nk'ibisimbu nka bibiri, yarahendahenda ariko ubu asigaranye nka kamwe ntikaba kakimubumba. Nka twebwe tukiri bato tuba turindiriye vyinshi. Mu buzima bwawe uca ugira ingorane zidasanzwe, ingorane zo kubaho...”

Ubuzima bw'urunganwe rwabo rwahungiye hanze y'igihugu guteye ikibazo abo bakiri bato mu gihe rwotahuka. Uretse umutima uhagaze uvuye kw'igwirirana ry'abantu rizokurikira, ni uko n'amatongo imiryango yabo yahoramwo ari mu minwe y'abandi bantu. Nk'uko inkuru twatohoje zibivuga abaje bava mu zindi ntara barayanyaze canke bayajamwo bayeguriwe n'intwaro.

Ishaka ryo gufata mu mugongo bagenzi barwo, ririho muri urwo rwaruka. Charlotte Bukuru, umwigeme twaganiriye aremera kuzotanga imetero nkeyi ku bwatsi afise. Ahandi naho, imiyabaga imwe imwe yibaza gutura ikibazo c'abimirije guhunguka Reta. Yobaronderera ayandi matongo bazoshikiramwo kubwa Seleus Sabushimike:

“Twebwe iyo turiko turabiyumvira, tubona ari ingorane....turibaza aho bazoshikira, ukugene bazobaho. Jewe ico mbona Reta yobaronderera ahandi hantu bazoshikira kuko aha ntaho mbona hariho.”

Impari zivuye ku kurenga akarimbi ziraduka akatari gake hagati y'abanyagihugu, muri ako karere ka komine Mabanda. Imanza z'amatongo harimwo n'abatahutse zirirwa ziracibwa nk'uko urwaruka twaganiriye rubimenyesha. Mu kugabanya ingorane imiryango imwe imwe iremera gusubiza canke kugabura aho ifise n'uwutahutse nk'uko abanyagihugu bavyemeza.

Icuka kibi kivuka hagati y'abashamiranye bapfuye amatongo, kiratandukira rimwe na rimwe mu bana. Ntibavugishanya igihe bahura nk'uko Jean Marie Nishishikare yabitumenyesheje. Ku rundi ruhande naho, barasinda igihe bafadikanije urugendo, nk'uko babitwiganiye. Ariko rero, iyo nyifato ntinezereza abarerwa ubwabo kuko ibankanisha kandi bashaka ugukundana.Twumvirize Jean Marie Nishishikare:.

“Mu bisanzwe twebwe abana, dukwiye kubonana, tukaramukanya tugakina, tugiye kw'ishule tukajana, urumva aho tuba turi mu mahoro.... Bituma ducanamwo, ntiduhuza, ugenda kw'ishule uri umwe. Muhuriye hariya ugasanga yagushavuriye, ukagira uko ishavu rigize, mugashobora guca mushwana, mugasinda, ugasanga havuyemwo izindi ngorane.”

Ukudashobora gusohora umwana ageze mu bigero ni imwe mu nkurikizi z'iryo yaga ry'amatongo. Muri ako karere, nta muvyeyi agiha ubwatsi bupima imetero 35 kuri 35 umuhungu canke umukobwa wiwe nk'uko twabitohoje. Vyongeye, umwuzukuru ntagitorana icibare kwa sekuru, kuko ata matongo akiriho. Kukaba nkako, urutavanako rw'amazu nirwo rurangwa ahatari hake muri iyo secteur.

Ikibazo c'uburenganzira bungana mu gutorana hagati y'umuhungu n'umukobwa, kiza gisongera isibe. Igihe umwigeme asaba musazawe guhabwa ubwatsi bungana n'ubwa musazawe, afata ko aje kumutera nk'uko twavyiganiwe n'urwaruka. Ku ruhande rw'abahungu, bishura ko nabo nyene aho bafise hatabakwiye. Ukutabona uko kazoza karwo kagiye kumera gutera umwiheburo urwo rwaruka. Batinya kutishoboza gutunga umuryango. Twumvirize Salvator Ntahonigeza:.

“Nko mu gihe nokwubaka urwanje, je mbona umengo bizongora gose , kumbe uvyiyumviye wobireka, umuntu yokwiyumvira ngo yubake,... azomuzane ataho azomujana, ejo uzovyuka nabi, wararanye inzara mu nda, ugende kwiba bagukubite ubuhiri...”

Ukwubakirwa ibigwati vyotuma amatongo rwahoramwo yaguka kuko ahari amazu hosigara ari indimiro. Ukwigishwa iyindi myuga kwobafasha mu kudatungwa n'uburimyi gusa. Ubumenyi n'uburyo mu bijanye n'ukwiyungunganya biciye mu mashirahamwe ni nkenerwa kuri abo bakiri bato. Irinubushobozi Anne Marie ni umwigeme twaganiriye atubwira ingene uwo mugambi womufasha:

“Norima neza n'ubwo biri uku... tukaronka nk'ishirahamwe, mukaduha nk'utubuto n'aho turima....Twokwiyungunganya. Bakadufasha, nko mu myuga, kwiga kubarira...”

Ihimiriza intwaro yagize ry' ukuvyara ku rugero ntaco rishikako nk'uko Come Nzeyimana arongoye iyo Zone Kayogoro abivuga, kuko ukwibaruka benshi vyabaye nk'umugenzo mu banyagihugu.

XS
SM
MD
LG