Uko wahagera

Burundi: Impunzi z'Abanyamulenge 200 Zanze Kwimurirwa i Gasorwe - 2004-10-15


Bujumbura, ku wa 14 Gitugutu

Impunzi z'Abanyekongo bo mu bwoko bw'Abanyamulenge zarankiye ishirahamwe HCR kwungururizwa mw'ikambi y'i Gasorwe mu ntara ya Muyinga. Abo Banyamulenge bagera ku majana abiri. Ivyo vyashitse mu nyuma y'aho ishirahamwe HCR ryari rimaze imisi rirangura igikorwa co gukura impunzi z'Abanyekongo mw'ikambi y'agateganyo iherereye i Karurama , muri komine Rugombo mu ntara ya Cibitoke, hafi y'urubibe Uburundi na Republika Iharanira Democratie ya Congo bihana.

Inkuru ziva mu bajejwe intwaro mu ntara ya Cibitoke zemeza y'uko abo Banyamulenge banse kwurira imiduga y'ishirahamwe HCR yari yaje kubatora ngo ibajane i Gasorwe mu ntara ya Muyinga. Bamenyesheje y'uko ku bwabo bipfuza kujanwa mw'ikambi iheruka gutegurwa i Gihinga muri komine Kayokwe, province Mwaro, hagati mu gihugu.

Ishirahamwe HCR ryemeza y'uko i Gihinga ata bibanza bigisigaye vyo kwakira izindi mpunzi, aho izigera ku 1200 zari zimaze gushikanwayo. Rimenyesha kandi ko abo Banyamulenge bategerezwa kwemera kuja i Gasorwe.

Ikambi y'agateganyo y'i Karurama yari yakiriye kuva muri rusama muri uno mwaka impunzi zabanyekongo zishika ku 8000. Abarenga 2000 batoye kujanwa i Cyangugu mu bumanuko bushira uburengero bw'igihugu c'Urwanda. Iyo kambi y'i Karurama itegekanywa kuzosamburwa ku musi w'ejo.



Shakira andi makuru yo mu karere hano.
Saba amakuru muri email yawe hano.

XS
SM
MD
LG