Uko wahagera

Burundi: Urujya n'Uruza Hagati y'Uburundi na Tanzania Rwongera SIDA m'Urubyiruko


Uruja n'uruza ku rubibe rw'Uburundi na Tanzaniya, akatari gake rurajana n'ingeso y'ubushurashuzi. Inkuru twatohoje ku mupaka w'i Mugina mu ntara ya Makamba zemeza yuko uwukiri muto ashitse mu kindi gihugu akundana n'abigeme ahasanze. Igihe aja guca amahera akahamara ikiringo kirekire, umusore ararondera umukobwa aba aramubera umugore. Iyo agenzwa n'ukuramutsa icuti canke ukumenya utundi turere, araronka akaryo k'ukwunga ubwo bucuti n'inkumi z'aho. Vyongeye, imiyabaga imwe imwe iravanwa iwabo n'ingeso y'ubuhumbu. Imvo, n'ukugendera intara batamuzi kugira ngo bamuhurumbire. Ahandi naho, n'ukugendereza ahoba akarusho mu biciro. Iruhande y'ukurondera ukwinezereza, umuhungu atora kuja ahazimbutse, umukobwa nawe aho batanga amahera menshi. Bukuru Jiva avuga ko ibiciro muri Tanzaniya vyorohereza abahungu, ari naco gituma ab'aho i Mugina bahahurumbira:

“Arashobora guca nka hariya arico kimuzanye ngaha, canke umurundi akagenda i Tanzaniya, arico kimutwaye.... Hari aho abona muri Tanzaniya habayo abantu benshi, akabona yifitiye amahera make nk'ijana, amajana atanu..., bigaca bishoboka.

Ukurondera umugeni bazubakana nakwo nyene kuratuma umusore ajabuka urubibe. Ukwihangana n'inyifato imiyabaga y'Abatanzaniya twasanze kuri urwo rubibe rw'i Mugina, ivuga yuko ishira imbere. Imvo, n'ukutagira uburyo yinezerezamwo n'abigeme ihasanze. Bahati Bucyiro abona yuko amahera akura mu mwuga wo kubaza imbaho nawe nyene ubwiwe atamukwirira muvyo akenera. Ahandi naho, atinya ko umuryango wiwe wohona mugihe yokwandura umugera w'ingwara ya sida. Urwaruka rw'abarundi rworwo rwaduciriye agace ko urunganwe rw'Abatanzaniya ruhumbisha abigeme rubafatiye ku bukene. Umusore ahonga umukobwa ivyo adashoboye kwironsa, ari uko yemeye ko barangurana amabanga mpuzabitsina. Ku bw'abakiri bato b'Abatanzaniya, inyambaro z'impuzu ngufi z'abigeme b'abarundikazi zitera kubipfuza. Inkurikizi ikaba igwirirana ry'umugera wa sida mu rwaruka. Juma Barambomba na Herman barabitwiganira:

“Ivyo vy'ukwandukizanya umugera wa sida, biriho.... Urabona ama swala nk'ayo n'ugushima umukobwa agaca amubwira ati ewe ndagushimye ! Aca aguma akubaza, Bikaza bigenda nk'uko nyene...Utembeye, ukamushima, ukaza kumubaza.”

“Mugabo iwaze rikaze.... hari ingendo yaziye ya gisasa y'ukwambarira abantu nabi, si muri Tanzaniya gusa canke mu Burundi gusa, hose bavuga ati n'iterambere... Umuntu arakerwa n'isura yiwe , nkavuga nti n'imyambarire yiwe irashobora kumvuta ngaca ndamwipfuza....

Ukutumva impanuro ku bw'abavyeyi n'imvo y'igwirirana ry'ingeso y'ubushurashuzi mu bana. Peresse Barandagiye umuvyeyi twasanze mw'isoko y' i Mugina, avuga yuko umurerwa yirirwa arayerera n'aho aba yihanikirijwe. Vyongeye nta gihinduka mu nyifato iyo bamwigisha ibijanye na sida. Uwubibwiwe akenshi yishura ko hapfa uwaramukiwe igihe ahimirizwa kuyirinda. Ukutumvikana kw'umuvyeyi n'umwana wiwe n'inyendamuvano y'itituka ry'imigenderanire hagti yabo. Inkurikizi n'uko abavyeyi rimwe na rimwe bamuheberana. Insiguro baha ukunanirana kw'abarerwa babo n'amaraso ashushe yo mu myaka y'ubuyabaga. Ingeso y'ubushurashuzi irava no kukaborerwe. Ku bwabo kandi, biragaragara ko inzoga z'umurengera zica intege urwaruka ntirube rucigumije. Ukwishimikiza ijambo ry'Imana vyofasha abakiri bato guheba ingeso y'ubuhumbu nk'uko Peresse Barandagiye abivuga:

“Urabona cane cane abantu b'urwaruka birakunda kubagora ntibirinda.....Bokwumva ijambo ry'Imana nizigira neza yuko bohava bagaheba....ariko cane cane abavugabutumwa bashishikara kuvuga, kumbure bohindura ingendo.”

Ukutipimisha umugera wa sida n'ingendo yibonekeza mu miyabaga y'Abatanzaniya, naho ironka inyigisho zikwiye mu bijanye n'iyo ngwara. Imvo, n'ugutinya inkurikizi isanze yaranduye. Igihe conyene yemera kwisuzumisha, n'iyo yimirije kugira ubugeni, kuko riba ari itegeko. Ku ruhande rw'abarundi, nta bumenyi bukwiye urwaruka rwo mu micungararo y'aho i Mugina rufise bworufasha. Nta nyigisho mu vya sida rutunganirizwa nk'uko rwabitubwiye. Amaradiyo ni bwo buryo bwonyene rukurikiraniramwo ibiganiro bivuga ivyerekeye ico kiza. Bamwe muri abo bakiri bato baratahura ko ukwipimisha ari ngirakamaro. Bifasha kumenya uko amagara yabo yifashe n'ukugne bokwigenza. Ukwandura umugera wa sida kuva no ku kutamenya ku bw'imiyabaga y'abarundi. Twumviririze Jean Claude Nkurunziza:

“ Kenshi na kenshi ngaha nta bantu bagerageza gukarihanya inyigisho, ugaca usanga umuntu naho yoba asanzwe azi ati umugera uriho, mugabo kubera atigishijwe ukuntu akwiye kwikingira ugaca usanga arawufashe n'ingoga....nta musi barakoranya inama bati twige kuvyerekeye ico kiza ca sida:

Inkuru twatohoje kuri uwo mupaka, mu bumanuko bw'Uburundi ziremeza ingendo y'uguhumbisha abana igirwa n'abakuze muri ako karere. Umugabo yubatse aragendana n'umwigeme, umugore nawe n'umuhungu batanganya imyaka nk'uko Juma Barambomba avyigana. Ukuvuga ikinyoma niyo nyifato bagira ku gutinya guhinyuka. Mu guhuma amaso uwubabona, abwigwa ko ari incuti zabo zishika. Uguhuza ibitsina hagati y'abakuze n'abato ni ikindi gituma umugera wa sida wiyongera mu rwaruka. Ukwirinda ubushurashuzi vyorufasha kuzitira rutaronerwa. Bahati Bucyiro aratera akamo bagenzi we barangurira imirimo aho i Mugina:

“Jewe ico mbona ndasaba abantu bareke gukoresha ayo majambo, kuko ingwara irarenze cane. Jewe nsavye twebwe tukiri bato, dupunguze uguhurumba cane, kwa sababu niko kuvyara aya magambo y'iyi ngwara... nka twebwe tuva i Tanzaniya, twaje ino gukora ikazi. Turonke ico tugomba twisubirire iwacu. Ugutunganiriza inyigisho mu bijanye na sida iyo miyabaga ni ngirakamaro.


Abategura Ejo Bite



Shakira andi makuru yo mu karere hano.
Saba amakuru muri email yawe hano.

XS
SM
MD
LG