Uko wahagera

Burundi: Abanyeshure mu Nkambi ya Mutabila Bata Amashuri Kubera Ubucuruzi - 2004-10-02


Abana bo mu kambi ya Mutabila, barahebeshwa ishure no kuja kudandaza ivyamwa iyo vyeze.

Bujumbura, ku wa 29 nyakanga (VOA) Uwuja kurangura arazinduka canke akagorobeza, ahandi naho akirigwa mu bigwati vy'Abatanzaniya rikarenga. Uhagaze mu mayira abinjira n'abasohoka ikambi bacamwo, haba mu gatondo canke ku mugoroba, ubona imigwi y'abana bato bikoreye amatu, bavuye kurondera ibidandazwa. Twasanze abana benshi bahenda abigisha yuko bari bagize ingorane zibafatiriye imuhira, zigatuma bataja kwiga kndi bari bagiye kurangura ivyo badandaza. Alois Yamburemye, umwe muri abo bana bakora urwo rudandazwa niwe abivuga :

“ Kw'ishule ndabahenda ko nari ngwaye, i muhira naho ntibashobora kumbuza kuko kw'ishule ari je nirihira amahera, nkagura impuzu, agasabuni n'ikaramu. Ku wa mungu naho, ndashobora kuja kw'ivideo, kubera niyo ndandaje amahera ndonse, mama ndamuha ayo kugura impeke. Barumunanje nabo ndabaha bakaja kw'ivideo kubera aribo bansigaranira ivyo naranguye.”

Hariho nabo ayo mahera aheza akunganira mu buzima bwa minsi yose, cane cane impfuvyi canke babana usanga batagira shinge na rugero kubera bibana bonyene. Umurerwa agiye muri ubwo buryo, aba ari nk'impene yiturutsa ikicura, kuko kuva imuhira canke gutaha bivana n'uko abigomba wenyene. Mariya Ndarusanze wewe yama akebura abavyeyi bagenzi we ati bame bibuka yuko kazoza keza k'umwana gategurwa n'abavyeyi biwe akiri muto, kandi ngo igiti kigororwa kikiri gito:

“ Ndabona ko dufise kazoza kabi ku bana bacu, kuko tumaze kubona batanguye kwigurira udukoresho, nk'amakaramu, impuzu, ndetse n'utuvuta ku bamaze kw'isununura, ibirato n'ibindi vyinshi, ntitwibuke ko ayo mahera bayaronse kubera batagiye kw'ishule, mu gihe ishule ariyo kazoza kabo. Uca usanga bamenyereye amahera, hanyuma iyo bayabuze, uca usanga bashobora no kwandura n'ingeso mbi, ingeso z'ubuhumbu, ingeso zo gusegerereza, ingeso z'ubusuma n'ibindi vyinshi. Hanyuma muri ubwo buhumbu, urabona ko barashobora n'ukwanduramwo n'ingwara ya sida urabona ko yeze.”

Mu ntumbero yo kugwanya iyo ngorane mu bana bo mu mashule y'intango, aberwa n'ikibazo c'indero bagerageza guhuriza hamwe inguvu zabo, mugabo uruhara runini rukaba urw' abavyeyi. Hagati y'abavyeyi n'abarezi harashinzwe amakomite ku mashule. Mu manama bagira, ikintu nyamukuru babwira abavyeyi n'inzira zose umwana yononekariramwo, kugirango babakurikirane. Kugirango ivyo bikorwa bitere bija imbere, amashirahamwe nka Africare riraba ivy'indero muri ano makambi niyo abitunganya.


Abategura Ejo Bite



Shakira andi makuru yo mu karere hano.
Saba amakuru muri email yawe hano.

XS
SM
MD
LG