Uko wahagera

Burundi: Igitero cya FNL PALIPEHUTU Carahitanye Umuntu 1 - 2004-08-24


Umuntu umwe yarishwe, abandi bane barakomereka mw'ijoro ryo ku wa mbere rishira uwa kabiri, mu gitero cagizwe n'abarwanyi b'umuhari FNL-Palipehutu. Ico gitero catanguye igihe c'isaha zibiri z'ijoro, amasasu akaba yarumvikanye no mu gisagara ca Bujumbura.

Inkuru ziva mu gisirikare zemeza y'uko ico gitero cari cerekeje brigade y'abasirikare ba reta iri mu karere ka Ruyaga muri komini Kanyosha mu ntara ya Bujumbura rural, aho abarwanyi ba FNL bahatera za obus. Izo ngwano zarashishikiye gushika mu gicugu.

Muri ico gitero nyene imangazini zitanu zari hafi ya Brigade yo mu Ruyaga zaraturiwe.Iyo mirwano yatumye abanyagihugu bo mu Ruyaga bahunga ariko igitigiri c'abavuye mu zabo n'ubu ntikiramenyekana.

Igitero bene ico caheruka kuba ku musi wa gatanu w'indwi iheze, aho za obus zine zatewe muri zone Musaga. Abo barwanyi baziteye bahagaze muri komine Kanyosha ihanamiye igisagara ca Bujumbura, umwana umwe akaba yarakomeretse.

Tumenyeshe kandi ko ku musi w'ejo umuhari FNL-Palipehutu wateye ikirindiro c'umuhari wahora urwana wa CNDD-FDD muri zone Gitaza, ku birometero 40 mu bumanuko bwa Bujumbura.



Shakira andi makuru yo mu karere hano.
Saba amakuru muri email yawe hano.

XS
SM
MD
LG