Uko wahagera

Burundi: Abanyamulenge b'i Gatumba Barashyinguwe - 2004-08-16


Ubwicanyi bwagiriwe Abanyamulengue bushobora gutuma umugambi w'amahoro mu Burundi cane cane muri Kongo usubira inyuma. Ivyo vyamenyeshejwe n'icegera c'umukuru w'igihugu ca Congo, bwana Azarias Ruberwa, mu gihe ku musi wa mbere i Bujumbura hariko haraba ibirori vyo gushingurana iteka Abanyamulenge barenga 150, bagandaguwe mu ndwi iheze mw'ikambi y'i mpunzi barimwo mu Gatumba.

Azarias Ruberwa, akaba nawe akomoka mu muryango w'Abanyamulenge, avuga ati:

“Twari twemeye y'uko inkehwa zigiye gukingirwa, y'uko agateka ka zina muntu kagiye kuzokwubahirizwa..., none ubu twabonye y'uko hagisigaye ibibazo bitaratorerwa umuti.”

Icegera c'umukuru w'igihugu ca Congo, co kimwe n'abaserukiye umuryango w'Abanyamulenge, bemeza y'uko ubwicanyi bwaraye bubaye mu gihugu c'Uburundi ari ihonyabwoko ryagiriwe Abatutsi.

Ivyo birori vyari birongowe n'umukuru w'igihugu c'Uburundi, Domitien Ndayizeye, ari kumwe n'icegera ciwe Alphonse Marie Kadege, n'abandi bashikiranganji barimwo uwa reta ajejwe intwaro ibereye, Pierre Nkurunziza.

Igihugu ca Congo cari caserukiwe n'intumwa zishika hafi icumi, harimwo icegera c'umukuru w'igihugu ca Congo, Azarias Ruberwa, abashikiranganji babiri, uwujejwe intwaro yo hagati mu gihugu, Theophile Mbemba, n'uwujejwe iterambere ry'umukenyezi, Faida Mwangilwa.

Muri izo ntumwa harimwo n'ivyegera vy'abashikiranganji, uwujejwe ukwivuna abansi, General Bule, n'uwujejwe intwaro yo hagati mu gihugu, Paul Musafiri. Uwundi kandi yari yaje ni umuhanuzi w'umukuru w'ibiro bikuru vy'intwaramiheto mu gihugu ca Congo, Professeur Guillaume Samba, n'abaje baserukira ubutegetsi mu buraruko bw'intara ya Kivu. Bizima Karaha wo mu muhari RCD Goma nawe nyene niho yari ari.

Igihugu c'Urwanda, ku ruhande rwaco, cari carungitse intumwa idasanzwe ya President Paul Kagame mu karere k'ibiyaga binini, Richard Sezibera, hamwe n'umushikiranganji ajejwe intwaro yo hagati mu gihugu mu Rwanda, Christophe Bazivamwo.

Abaserukira ibihugu n'amashirahamwe mpuzamakungu mu Burundi, harimwo uwuserukira ishirahamwe ONU mu Burundi, Carolyn Mc Askie, nabo bari bari. Mu majambo yagiye arashikirizwa n'abategetsi bari bahari barahuriye ku ciyumviro c'uko ubwo bwicanyi bwatandukiriye akarere k'ibiyaga binini. Umukuru w'igihugu c'Uburundi, Domitien Ndayizeye, ati:

“Akarere k'ibiyaga binini kari n'amarira y'abantu bako bishwe.”

Perezida Ndayizeye yarerekanye umubabaro afise w'uko intambwe z'ibiganiro vyari bimaze gutangura mu bihugu bigize akarere k'ibiyaga binini, nk'Urwanda, Uburundi na Congo, zari zatanze umwizero w'uko ingorane z'ubwicanyi zigiye kuzova mu nzira.

Perezida Ndayizeye aranegura umuhari FNL Palipehutu wiyemereye ubwawo y'uko ico gitero ari wo wakigize ukaba utaremera kuja mu biganiro hamwe na reta; yongera asaba amakungu y'uko yokurikirana hafi ingendo uriko urafata.

Azarias Ruberwa asaba y'uko inyishu ziboneka zotorerwa umuti ku bijanye n'ubwicanyi buriko buratandukira akarere k'ibiyaga binini, itohoza rikaba, abo ico caha cega bagahanwa.

Uwuserukira Ishirahamwe ONU mu Burundi,Carolyn Mc Askie, yafashe ijambo kw'izina ry'iryo shirahamwe yongera ashikiriza ubutumwa bw'umunyamabanga mukuru wa ONU, Koffi Anan. Yaraneguye yivuye inyuma ubwicanyi bwagiriwe abo banyagihugu b'Abanyekongo bari basavye indaro mu Burundi. Avuga ko akigoro gakomeye mu bijanye n'umutekano kari kerekeje intara ya Bujumbura-rural kuko ari intara ikirimwo ingwano. Yariyemeje ko kubera ivyaraye bishitse akigoro kaboneka kagiye gukorwa mu gucungera uruja n'uruza ku mbibe ivyo bihugu bihana.

Muri ivyo birori harimo n’inzandiko ziyamiriza ahanini ubwicanyi bw'ihonyabwoko bwagiriwe Abanyamulengue na reta y'igihugu ca Republika iharanira Democratie ya congo hamwe n'ibibazo bijanye n' uruhara rwa ONU mu kurwanya ubwicanyi nk'ubwaraye bubaye. Abanywanyi b'umuhari wishinze kurwanya ihonyabwoko, PA Amasekanya, barerekanye inzandiko, bongera baririmba indirimbo ziyamiriza ibiganiro vy'amahoro hagati y'Abarundi vyabereye i Arusha .

Abanyamulenge bacitse kw'icumu bazofashwa nk'uko uwuserukira ishirahamwe ONU mu Burundi abivuga. Abaserukiye reta y'i Kinshasa nabo nyene barazanye imfashanyo yotuma abakomeretse bavurwa kugira ngo igitigiri c'abasandabira kwa mu bitaro kigabanuke.

Igihugu c'Urwanda ku bwaco cemeza ko bikenewe ko hagira icokorwa mu maguru masha kugira ngo ibintu ntibiyangare mu bijanye n'ihonyabwoko. Ico gihugu cariyemeje gufasha mu bikorwa vyo kurwanya ubwicanyi bene ubwo, nk'uko giheruka kubisaba mu bijanye n'intara ya Darfur.

Uretse amajambo yagiye arashikirizwa, ibisabisho hamwe n'indirimbo z'Imana zo guhumuriza ababuze nizo zaguma zijana n'ivyo birori. Vyarangijwe n'ugushira ingori z'amashurwe ku masandugu ico kimenyetso c'icubahiro kikaba cagizwe n'abaserukiye ibihugu vyabo, hamwe n'imigambwe.



Shakira andi makuru yo mu karere hano.
Saba amakuru muri email yawe hano.

XS
SM
MD
LG